“Sean Combs: The Reckoning” ni ireresi y’uruhererekane (docuseries) igizwe n’ibice bine, yakozwe na Curtis “50 Cent” Jackson afatanyije n’umuyobozi Alexandria Stapleton. Curtis “50 Cent” Jackson ni umwe mu baririmvyi n’abatunganya ivy’amasanamu bazwi cane kw’isi, yashize ahabona uru rukurikirane kugira yerekane ubuzima bwa Sean “Diddy” Combs, kuva ku butunzi n’ukwamamara kwiwe, gushika ku vyagiriji bikomeye vy’ihohoterwa vyagiye biravugwa mu myaka iheze.
Ireresi yerekana ukuntu Combs yagiye araduga mu muziki, akubaka izina rihambaye nka “Puff Daddy” canke “Diddy”, akagira uruhara runini mu guteza imbere hip-hop biciye mu nzu ihinyanyura umuziki yashinze izwi nka Bad Boy Entertainment. Harimwo ibiganiro vy’abahoze bakorana na Combs, ivyabona, n’abagore bamwagirije ihohoterwa. Uwahoze ari umukunzi wa Combs, yamushengenje imbere y’ubutungane ku vyagiriji vy’ imyaka irenga 10 y’ihohotera rishingiye ku gitsina, ugukubitwa, no kumuhatira kwinjira mu bikorwa vy’ubusambanyi.
Alexandria Stapleton, umuyobozi w’uru rukurikirane, yavuze ko yatewe n’inkomezi za Cassie mu gutanga ivyagiriji, aca afata ingingo yo gukora iyi reresi nk’igisubizo c’igihe ca #MeToo mu muziki. Curtis Jackson, azwi cane nka 50 Cent, yavuze ko iyi reresi atari intambara y’ishari, ahubwo ari “ugutanga urubuga ku batari bafise aho bavugira”. Yavuze ati: “Nashatse ko abantu bamenya ko ibi bintu vyabaye, kandi ko bidategerezwa kwihanganirwa.” Ibi vyerekana intumbero yo guca kubiri n’umuco wo guhishira ibikorwa bibi vy’abantu bazwi, cane cane mu muziki wa hip-hop.
Iyi reresi irerekana neza ukuntu ububasha n’icubahiro bishobora guhishira ibikorwa bibi, ariko kandi ikerekana ko igihe cose ukuri kwama kuja ahagaragara. Iyi reresi ni isomo rikomeye ku bantu bakiri bato bakurikirana umuziki n’ivyamamare, kuko ibereka ko icubahiro kidakwiye kuba impamvu yo kwihanganira ihohotera.
Combs yise iyi filime “igikorwa co kumucafuza”, avuga ko irimwo ibinyoma n’ugutotezwa. Ariko, abatunganya ama reresi bavuga ko vyose vyashingiye ku vyegeranyo vyemewe n’amategeko, kandi ko Combs yahawe akaryo ko gutanga uruhande rwiwe, ariko ntiyavyemera. Carol Midgley, umumenyeshamakuru wo muri The Times, yavuze ko iyi reresi ari “igikorwa cakozwe neza, gifise abatanga ivyemezo b’ukuri kuva ku bwana bwa Combs gushika ku bakozi biwe ba kera”. Ikinyamakuru The Independent, co cavuze ko iyi reresi “iteye ubwoba kandi iruhisha kuraba”, kubera uburemere bw’ivyagiriji n’ukuntu bishikirizwa mu buryo budahengamye.
Bamwe mu baravye iyi reresi bayise “inyishu ikenewe” ku muco wo guhishira ihohotera mu muziki wa hip-hop. Hari abavuga ko “yabafashije kubona ukuri kwari kwihishije inyuma y’ukwamamara kwa Diddy”. Ariko hari n’abandi bayise “igikorwa c’ishari” canke “ugucafuza”, cane cane abashigikiye Combs.
Iyi reresi yakiriwe nk’ igikorwa co kumenyesha amakuru gishingiye ku bushakashatsi. Naho hari abavuga ko irimwo uguhengama, abasesenguzi benshi bayishimagije kubera uburyo amashusho n’ivyegeranyo vyateguwe neza, uburemere bw’ivyemezo: abatanga ivyemezo barerekana ubuzima bwa Diddy mu buryo butari bwigeze bumenyekana, hamwe n’ ubutumwa bwagutse: ntibigarukira kuri Diddy gusa, ahubwo birerekana ikibazo rusangi mu gisata c’ ukwinezereza.
Iyi reresi yatumye ivyagiriji vy’ihohotera vya Diddy bisubira ku murongo w’inkuru mu bimenyeshamakuru bikomeye. Aho abandi bantu barenga 100 batanze ivyagiriji bishasha kuva Cassie atanze rwiwe muri 2023.

























