Abashingamateka barabaza Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo umutekano igituma hagwizwa ku mabarabara instinga nyinshi zikunze kwitwa ama “barrières” kandi hari abajejwe iperereza henshi kandi bakwiye. Bakabaza nimba ubushikiranganji butizera igikorwa cabo, ko boba bagikora nabi.
Ni mu gihe Léonidas Ndaruzaniye aramutswa ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo umutekano yari mu nama Nshingamateka mu Kigobe kuri uyu wa 20 Nzero aho bemeza ibwirizwa ritunganya ingene igiporisi c’Uburundi gikora.
Léonidas Ndaruzaniye yishura ko kuba hari ama “barrières” hamwe hamwe atari ikimenyetso c’uko abajejwe iperereza boba badakora neza. Avuga ko nyabuna ayo ma “barrières” nyene afasha cane muri ico gikorwa nko mu gihe hari ico biketse bituma imiduga canke abahita basuzumwa neza.
Umushikiranganji abona ko hakwiye kwongerezwa ubumenyi kugira abo bari kuri ayo ma “barrières” bagire inyifato ibereye barangure neza akazi kabo. Yemera ko aho adakenewe yovaho gutyo agashirwa aho akenewe. Yibutsa mbere ko ubu hari make ugereranije no mu misi iheze ubu ngo yaragabanijwe bimwe biboneka.

























