Dr José Chameleone, ni umuririmvyi yamuka mu gihugu ca Uganda. Aho aherukira mu Burundi mu mpera z’umwaka wa 2025, yarabonanye n’Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye aho yamushikirije icipfuzo c’uko ashaka gushira imitahe mu bikorwa bijanye n’insamirizi hamwe n’ugushinga inzu ihinyanyura indirimbo mu Burundi.
Imvugo yajanye n’ingiro. Uwo muririmvyi wo mu Buganda yamenyekanye cane ku ndirimbo nka Mama Mia, Badilisha, Walewale, Tubonge n’izindi, yaguze insamirizi mu Burundi izwi kw’izina rya Black Fm, aca agirako ayihindurira izina, ubu ikaba yitwa Chameleon Fm.
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook, uwo muririmvyi Jose Chameleon yagize ati: “Good morning Bujumbura 🩷”. Hari kuri uyu musi nyene wa kane igenekerezo rya 22 Nzero 2026.
N’aho yahinduye izina ryayo, iyo nsamirizi Chameleon FM ntiyahinduwe umuhora wayo, yagumye is isamiranira kuri Mhz 94.9.

























