East African CommunityhomepageKirundiPolitique

Tanzania iriko irategura ibwirizwa shingiro rishasha rikinga ihungabana ry’umutekano mu matora

Umukuru w’ibiro bishinzwe gutohoza ivyabaye bijanye n’ihungabana ry’umutekano imbere no mu gihe c’amatora rusangi yo wu 29 Gitugutu muri Tanzania, umucamanza Mohamed Chande yamenyeshe ko vyoba vyiza cane igihugu ca Tanzania gishizeho ibwirizwa shingiro rishasha imbere y’umwaka wa 2028 kugira rizoce rikoreshwa mu matora y’intango yo mu mwaka wa 2029 hamwe n’amatora rusangi yo mu mwaka wa 2030.

Nk’uko umucamanza Chande abivuga iyo ntambwe yofasha kugabanya canke gukuraho ibishobora gutuma haba ihungabana ry’umutekano nk’uko vyabonetse kuwa 29 Gitugutu.

Rapport y’ibiro vyashinzwe n’umukuru w’igihugu yo gutohoza ivyabaye bijanye n’ihungabana ry’umutekano mu gihe no munyuma y’amatora rusangi yo muri Gitugutu 2025 ,yemeje ko impfu zabaye muri ico gihe zasize ububabare bunini mu miryango bigatuma habaho ingaruka mbi ki bijanye n’ubutunzi n’ukwishingirikiriza ku bandi mu kibano.

Iyo rapport yashikirijwe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2026 n’umucamanza mukuru yaciye mu zabukuru Mohamed Chande Othman ku mukuru w’igihugu ca Tanzania Samia Suluhu Hassan ku biro vy’umukuru w’igihugu I Dar es salaam.

Inyuma yo kwakira iyo rapport y’ibiro vyatohoje ivyabaye bijanye n’ihungabana ry’umutekano mu gihe no munyuma y’amatora rusangi yo 29 Gitugutu 2025, Umukuru w’igihugu ca Tanzania Samia Suluhu Hassan yatangaje ko agiye gushinga ikomisiyo y’ukunywanisha abanyagihugu ifise intumbero yo gusiba hamwe ubumwe n’ubwiyunge mu gihugu.

Nk’uko Umukuru wico gihugu Samia abivuga hazoshirwaho kandi urwego rwihariye rw’itohoza kugira rukwirikirane ivyashikirijwe n’ivyo biro vyaro biyobowe n’umucamanza Chande.

Mu bindi ,urwo rwego ruzokora amatohoza kubijanye n’ivyaha ivyo gufatwa kw’abantu hamwe n’abantu baburirwa irengero.

Umukuru wico gihugu ca Tanzania Samia Suluhu Hassan amaze kwakira icegeranyo cumu camanza Chande yahamagariye aba Tanzania bose kubungabunga ubumwe n’amahoro vyabo ,abibutsa ko ata muntu n’umwe azoza kubafasha mu gihe botakaza izo ngingo z’ingenzi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE