homepageKirundi

Trump ashigikiye “secret service” inyuma y’iraswa ryabereye i Washington DC

Umutegetsi wo muri White House yatangaje ko Perezida Donald Trump ashigikiye ubuyobozi bw’igipolisi kirinda abakuru b’ibihugu “Secret Service” inyuma y’iraswa ryabereye muri hoteli i Washington DC ku wa gatandatu uheze igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2026.

Uwo mutegetsi yavuze ko Trump abona ko abakozi biwe bakoze akazi keza cane mu guhagarika uwariko atarasa no gukingira umutekano wa Perezida, umutambukanyi wiwe, icegera ciwe hamwe n’abagize reta.

White House yongeye kumenyesha ko hazoba inama muri ino ndwi yo kwihweza ingene umutekano worushirizwa gukomera.

Umugabo yitwa Cole Tomas Allen w’imyeka 31 yarafashwe inyuma yo gufata inkoho akarasa hafi y’aho bacungira umutekano mu bwinjiriro bwa hoteli mu gihe ibirori vyariko bibera hasi y’igorofa imwe.

Allen akaba akomoka muri California, aza gushikirizwa ubutungane i Washington uno musi wa mbere, igenekerezo rya 27 Ntwarante 2028. Avuga ko ari umuhinguzi w’imikino “Game developper” akongera kaba n’umwigisha. Ivyo nivyo bimaze kumenyekana kuri we gushika ubu.

Mu kiganiro yahaye abanditsi inyuma y’ivyo birori, Trump yavuze ati: “Sinagize ubwoba,Ndatahura ubuzima tubaye mw’isi yuzuye ibintu vy’akajagari”.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE