homepageKirundiSante

Indwara ya Ebola, ikiza cugarije isi: OMS

Ingingo zo kwirinda ingwara ya Ebola ivugwa mu bihugu vya RD Congo na Uganda zongerejwe ku rubibe rwa Gatumba rugabura Uburundi n’igihugu ca Congo. Abavuye muri ico gihugu ubu babwirizwa gupimwa ubushuhe no gukaraba, ndetse hari n’abahabwa udufukamunwa imbere yuko binjira mu Burundi.

Ku rubibe rwa Gatumba, intara ya Bujumbura rugabura Uburundi n’igihugu ca R.D.Congo, abanyagihugu binjira kubutaka bw’uburundi ubu babwirizwa gukaraba amazi arimwo umuti, gupimwa ubushuhe, ndetse hakaba hari n’abaza bambaye udufukamunwa. Bamwe muri abo baza babwambaye bakiva muri ico gihugu kibanyi, nkuko twavyiboneye kuri urwo rubibe, ndetse bikanemezwa n’abanyagihugu twavuganiye kuri urwo rubibe baje mu Burundi.

Aka gafukamunwa nagaherewe ku rubibe rwa congo ninjiye mu Burundi, kandi bakaguha kuri gusa, ukanategekwa gukaraba kugira wirinde kwanduzanya iyo ndwra. Hariho abaganga bambaye udufukamunwa n’ibindi vyo kugira bikingira. Babonye ufise ibimenyetso baca bagushira ahawenyene”, niko umwe mu banyagihugu yabwiye Radio Indundi Culture kuri urwo ribibe.

Ariko kandi hari bamwe mu banyagihugu ibijanye n’iyo ndwara bavuga ko bavyumviye aho ku rubibe rwa Gatumba , babonye bategetswe gukaraba hamwe no guhabwa agafukamunwa.

Ushitse harya ku rubibe rwa Congo, baca baguha agafukamunwa. Batubwiye ngo ni kugira twikingire Ebola. Jewe navyumvise ndi muri Congo ko Ebola yasaze mu bice vy’iyo kure. Baragupima ubushuhe , bakanagutegeka gukaraba”, niko uwundi munyagihugu avuga.

Ingingo zafashwe ku ruhande rw’u Burundi zo kwikingira iyo ndwara zituma hari bamwe mubaca kuri urwo rubibe bagira amakenga ko urwo rubibe rwohava rwugarwa kubera iyo ndwara, nk’uko umwe mmubakenyezi yari avuye mu gihugu ca Congo abivuga. Nawe yemeza ko atari bwumve ko iyo ndwara yasubiye kwaduka.

Ibijanye n’iyo ndwara ndavyumviye hano ku rubibe rwa Congo n’u Burundi. Ahubwo nari ngize ubwoba, mpatswe no gusubira inyuma kugira urubibe ntiruhave rwugarwa ndi mu Burundi. Ariko bampumurije ko iyo ndwara itarashika mu Burundi”.

Kugeza ubu mu Burundi nta murwayi n’umwe aratorwako iyo ndwara ya Ebola. Ariko mu ndwi iheze ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu Burundi bwasavye abanyagihugu kwubahiriza ingingo zo kwingira iyo ndwara ubu imaze kwibonekeza mu bihugu vya Congo na Uganda: mu kutarya inyama z’ibikoko vyo mw’ishamba vyipfishije, gukaraba kenshi gashoboka hamwe no mu kwirinda ingendo zidakenewe mu bice vy’ibihugu bivugwamwo iyo ndwara.

Hagati aho mu mpera z’indwi iheze, u Rwanda rwafashe ingingo yo kwugara zimwe mu mbibe zarwo ruhana n’igihugu ca Congo mu ntumbero yo kwirinda iyo ndwara, nk’uko bimwe mu binyamakuru vyo mu Rwanda bibivuga.

Nayo ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS, ritangaza ko iyi ndwara gushika ubu ifatwa nk’ikiza cugarije isi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE