AfriqueEast African CommunityEntertainmenthomepageKirundi

Kenya: urupfu rwa Rachel Wandeto rwateye agahinda n’impari nyishi

Umunyakenyakazi Rachel Wandeto, yamenyekanye cane ku mbuga ngurukanabumenyi inyuma yo kwishushanya ku mubiri wiwe isanamu ya perezida wa kenya William Ruto, yitavye imana atewe n’abantu bataramenyekana.

Uwo mukenyezi yari kandi umuririmvyikazi w’indirimbo zo guhimbaza Imana, yapfiriye mu bitaro vya Kenyatta National Hospital i Nairobi aho yariko aravurirwa ibikomere vy’umuriro, bikavugwa ko vyatewe n’uko bamushesheko essence mu karere ka Mwiki, kasarani.

Ivyamushikiye vyateye abantu benshi bo muri kenya ubwoba n’agahinda binatuma haba ibiganiro bikomeye ku vyerekeye amabi akorerwa abakenyezi hamwe n’urwanko rushingiye kuri politike.

Rachel Wandeto yari yarabaye rurangiranwa ku mbuga ngurukanabumenyi kubera “tattoos” zari ku mubiri wiwe zerekana Perezida Ruto hamwe n’ubutumwa bwo kumushigikira muri politike.

Hari abamushima bavuga ko yari umuntu ashigikira ivyo yemera, ariko abandi baramunegura bakanamusuzugura mu majambo bashikiriza ku mbuga ngurukanabumenyi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE