Mu kwibuka Jean BIGIRIMANA yagiye mazimayongo kuwa 22 mukakaro 2016, mu bigo vy’ikinyamakuru IWACU habaye umugirwa wo gushira urugori rw’amashurwe munsi y’isanamu y’uwo mumenyeshamakuru rwanditseko ruti: ”Jean Bigirimana, nous ne t’oublions pas” mu kirundi twovuga ko bisigura ngo: ”Jean Bigirimana, ntituzokwibagira”. Urugori rw’amashurwe rwari rureruwe n’abamenyeshamakuru babiri bakiri bato bo muri ico kimenyeshamakuru.
Mw’ijambo ryiwe, uwurongoye ikinyamakuru iwacu SIKUYAVUGA Léandre, yashikirije ko kuwa 22 mukakaro 2016 ubuyobozi bw’ico kinyamakuru bwahamagawe kw’iterefone n’umuntu yabubwira ko Jean Bigirimana ahejeje guhagarikwa i Bugarama. SIKUYAVUGA ashikiriza ko kuva bumva iyo nkuru yise iy’incamugongo, batahengeshanije kubaza ngo bamenye ivyashikiye Jean Bigirimana. Avuga ko ibibazo babaza ico gihe n’ubu arivyo bacibaza ni: “arihe Jean?, ni ibiki vyamushikiye?, ninde yatumye aburwa irengero?”.
Léandre SIKUYAVUGA yibutsa ko Jean Bigirimana yari afise imyaka 37, ko yari yubatse afise n’abana babiri. Kuva ico gihe abo bana n’umufasha wiwe baciye baja kuba mu buhungiro hanze y’igihugu. Akabatera akamo ko igihe cose bazoba bakeneye ubufasha bw’ikinyamakuru IWACU bazobuhabwa.
Aha aranatera intege abamenyeshamakuru bo mu Burundi batacitse intege kw’ibanga ryo gushikiriza amakuru ataho bahengamiye, amakuru atohojwe neza bisunze akarangamutima k’umwuga wo kumenyesha amakuru, badatinya igitsure, ati: “nibwo buryo nyabwo bwo kwibuka Jean Bigirimana“.
Yongeyeko ko bashimye ko urugori rw’amashurwe uyu musi ruterurwa n’abakiri bato nk’ikimenyetso cerekana ko hari abakiri bato basigaranye ibanga rya Jean Bigirimana.
Aha akaba yarangije ijambo ryiwe asaba ko ukuri n’ubutungane vyoboneka kuvyashikiye umumenyeshamakuru Jean Bigirimana. Akizera ko naho hazohera imyaka ijana ukuri kuzoteba kukamenyekana.
























