Alexis Havyarima yakuwe mu mabanga yo kurongora komine Ntahangwa intara ya Bujumbura inyuma yo kwagirizwa n’inama mpanuzwajambo ya komine ibirego bikomeye harimwo gukoresha nabi ubutunzi bwa komine.
Ingingo ihagarika mu mabanga musitanteri wa komime Ntahangwa intara ya Bujumbura, yateweko umukono n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati Léonidas Ndaruzaniye kuwa 20 Mukakaro 2026, ija ahabona kuwa 21 z’uko kwezi nyene.
Itegeko ry’umushikiranganji rihagarika mu mabanga musitanteri w’iyo komine rivuga ko Alexis Havyarimana ahagaritswe hisunzwe ingingo ya 45, agace ka 6 mw’ibwirizwa ritunganya amakomine ryo mu mwaka wa 2024.
Iyo ngingo ni imwe mu zerekana ryari ikiringo ca musitenteri kirangira.
“Ikiringo ca musitanteri kirangira kandi iyo hafashwe ingingo n’urwego rubifitiye ububasha, canecane igihe yagirijwe ibiturire, ukudashobora kurangura neza amabanga, kunyuruza amatungo ya Leta vyemejwe, canke kubera inyifato iteye isoni”, niko iyo ngingo ivuga.
Ihagarikwa mu mabanga rya musitanteri Havyarimana, umwe mu bashikiranganji batatu b’intara ya Bujumbura, rikurikiye ishirwa ahabona mu ntango za kuno kwezi kwa Mukakaro 2026 ry’ivyagiriji bitandukanye yagirijwe n’inama mpanuzwajambo y’iyo komine.
Muri ivyo, harimwo kudashira mu ngiro intumbero ziba zatanzwe n’inama y’abajenama ba komine, ibihonyanga ingingo ya 48 y’ibwirizwa rigenga amakomine mu gace kagira 19. Hari kandi guteba gutanguza umugambi w’uko amakinga akorera muri ico gice yoronka imparati, gushira ku gihe amasezerano agenga gupanga no gupangisja amazu ya Reta apangishijwe aho muri iyo komine.
Igihe Radio Indundi Culture yamwakura kugira agire ico avuga kuri ivyo, Alexis Havyarimana yavuze ko “afatiriwe cane n’ivy’akazi”.
Uwo yakuwe mu mabanga yari yashikirijwe abanyagihugu ba komine Ntahangwa muri Myandagaro 2025 n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye.

Abaye umukuru wa komine wa mbere akuwe mu mabanga kuva hatanguye ishirwa mu ngiro ry’indinganizo nshasha y’ivyintwaro igabanya amakomine akava kw’119 akaja kuri 42 n’intara zikava kuri 18 zikaja kuri 5, kuva 2025.
Ingingo ya 46 y’iryo bwirizwa rigenga amakomine nyene, itegekanya ko mu gihe komine itagira uwuyiramutswa, itegekanya ko umurwi utegura amatora mu ntara uca utegura amatora y’uwundi musitanteri mu kiringo c’imisi 30.
Imbere y’uko atorwa, komine iba iraramutswa umunyamabanga nshingwabikorwa.
























