BurundiGouvernancehomepageKirundi

Musitaneri wa komine Ntahangwa yakuwe mu mabanga ata n’umwaka ayamazemwo

Alexis Havyarima yakuwe mu mabanga yo kurongora komine Ntahangwa intara ya Bujumbura inyuma yo kwagirizwa n’inama mpanuzwajambo ya komine ibirego  bikomeye harimwo gukoresha nabi ubutunzi bwa komine.

Ingingo ihagarika mu mabanga   musitanteri  wa komime Ntahangwa intara  ya Bujumbura, yateweko umukono    n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati Léonidas Ndaruzaniye kuwa 20 Mukakaro 2026, ija ahabona kuwa 21 z’uko  kwezi  nyene. 

Itegeko ry’umushikiranganji  rihagarika  mu mabanga musitanteri w’iyo komine rivuga ko Alexis Havyarimana  ahagaritswe    hisunzwe ingingo ya 45, agace ka 6 mw’ibwirizwa  ritunganya amakomine ryo mu mwaka wa 2024.

Iyo ngingo ni imwe mu zerekana ryari  ikiringo ca musitenteri  kirangira.

“Ikiringo ca musitanteri kirangira kandi iyo hafashwe ingingo n’urwego rubifitiye ububasha, canecane igihe yagirijwe ibiturire, ukudashobora kurangura neza amabanga, kunyuruza amatungo ya Leta vyemejwe, canke kubera inyifato iteye isoni”,  niko  iyo  ngingo ivuga.

Ihagarikwa mu mabanga rya musitanteri Havyarimana, umwe mu bashikiranganji batatu b’intara ya Bujumbura, rikurikiye ishirwa ahabona mu ntango za kuno kwezi  kwa Mukakaro 2026 ry’ivyagiriji bitandukanye yagirijwe  n’inama mpanuzwajambo y’iyo komine.

Muri ivyo, harimwo kudashira mu ngiro intumbero ziba zatanzwe n’inama  y’abajenama ba komine, ibihonyanga ingingo ya 48 y’ibwirizwa rigenga amakomine mu gace kagira 19. Hari kandi guteba gutanguza umugambi w’uko amakinga akorera muri ico gice yoronka imparati, gushira ku gihe amasezerano agenga gupanga no gupangisja  amazu ya Reta apangishijwe aho muri iyo komine.

Igihe Radio Indundi Culture yamwakura  kugira agire ico avuga  kuri ivyo,  Alexis  Havyarimana yavuze  ko “afatiriwe  cane n’ivy’akazi”.

Uwo  yakuwe  mu mabanga  yari  yashikirijwe abanyagihugu  ba komine Ntahangwa muri Myandagaro 2025 n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. 

Abaye umukuru  wa komine wa mbere  akuwe mu mabanga kuva hatanguye ishirwa mu ngiro ry’indinganizo nshasha y’ivyintwaro igabanya amakomine akava kw’119 akaja kuri 42 n’intara  zikava  kuri 18 zikaja kuri 5, kuva 2025. 

Ingingo ya 46 y’iryo bwirizwa rigenga amakomine nyene, itegekanya  ko mu gihe  komine itagira uwuyiramutswa, itegekanya ko umurwi utegura amatora mu ntara uca utegura amatora y’uwundi musitanteri mu kiringo c’imisi 30.

Imbere  y’uko atorwa, komine iba  iraramutswa umunyamabanga nshingwabikorwa.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE