Uburongozi bwa komine Mukaza buranegura ingendo ya bamwe mu ndongozi batitabiririye umusi mukuru wahariwe amakomine.hahimbazwa uwo musi mukuru kuri uyu wa gatandatu musitanteri Aline Bigirimana yavuze ko mu bisanzwe indongozi ititabira igikorwa yahamagariwe biba bisa nuko itazi ivyo irimwo.
Musitanteri wa commune Mukaza yaneguye indongozi zititavye umusi wahariwe amakomine.
Muri uko guhimbaza uwo musi wahariwe amakomine , musitanteri wa mukaza yaneguye ko hari abarongoye abandi muma zone na quartier batitavye uwo musi mukuru , kubwiwe ibi bigasab n’ukutubaha abanyagihugu babatoye
“Kugira habe iterambere rero ni ukuvuga yuko abenegihugu barubaha indongozi ,indongozi zikubaha abenegihugu. Uri indongozi yatowe ukaba uri nk’umukuru wa quartier ugahamagrwa mugikorwa nk’iki ukagisiba umukuru wa zone yawe atabizi,ntuba uzi ivyo urimwo”, niko musitanteri wa Mukaza yavuze, inyuma yo gusanga ko hari abajejwe intwaro batitavye uwo musi mukuru, igihe hari hageze ko abanyagihugu batowe nka ba ntahonikora bahabwa ivyo bari bateguriwe guhabwa , bigizwe n’ibifungurwa n’ibindi.
Ariko bamwe mubanyagihugu bitavye uwo musi mukuru, bashima uko barongowe nizo ndongozi kumitumba gushika no muma quartier, nubwo kubwabo ngo hatabuze akanenge.
“Ibintu buraba vyiza ariko ntibibura agatosi, kandi ntamuntu yera de…karacamwo ,ariko badutwaye neza”, niko umwe mubanyaguhugu bo muri zone Muyira yavuze.
Uwundi munyagihugu yemeza ko indongozi kurwego rwo hasi zibatwaye neza, kuko zibumviriza iyo babituye. “Ico nosaba, nuko bobandanya umunyagihugu abatuye iciyumviro”, niko umutamakazi w’imyaka irenga 60 yari yitavye uwo musi mukuru wabereye kw’ibarabara ryitiriwe ukwikukira yabivuze.
Abo banyagihugu bo muri commune Mukaza yamara bidogera uguteba gutunganirizwa kubera muri commune kuri zimwe mumpauro zihatererwa umukono
“Indongozi za zone Muyira zidutwaye neza. Ariko kukibazo c’amakarangamuntu ahantu zitebera ni muri commune kuko barazidindiza ugasanga umuntu ariko aracererwa kuyironka’’, niko uwundi munyagihugu yiganye.
Kugira impapuro zitangirwa muri commune zinyaruke, abo banyaguhugu basaba ko abakozi ba commune bokurikiranira hafi ivyo abanyagihugu bakeneye, kugira ntibaje baratakaza umwanya.
Umusi wahariwe amakomine ukaba washinzwe kuva 2023, amwe mumahangiro , kukaba ari ukurabira hamwe ubuzima bwa commune, no guhamagarira abanyagihugu kwitabirira ibikorwa vy’inyungu rusangi. Musitanteri wa Mukaza yavuze indongozi ziyo commune zimaze kugendera amazone yose ,kugira zumvirize zinatorere inyishu bihanze abanyagihugu.
























