GouvernancehomepageKirundi

“Indongozi ititaba igikorwa yahamagariwe,ntizi ivyo irimwo”, musitanteri wa Mukaza Aline Bigirimana

Uburongozi bwa komine Mukaza buranegura ingendo ya bamwe mu ndongozi batitabiririye umusi mukuru wahariwe amakomine.hahimbazwa uwo musi mukuru kuri uyu wa gatandatu musitanteri Aline Bigirimana yavuze ko mu bisanzwe indongozi ititabira igikorwa yahamagariwe biba bisa nuko itazi ivyo irimwo.

Musitanteri  wa  commune  Mukaza yaneguye indongozi zititavye umusi  wahariwe amakomine.

Muri  uko guhimbaza  uwo  musi  wahariwe   amakomine  ,  musitanteri  wa  mukaza yaneguye ko hari  abarongoye abandi  muma  zone   na  quartier batitavye uwo musi mukuru , kubwiwe  ibi  bigasab n’ukutubaha   abanyagihugu  babatoye

“Kugira   habe  iterambere rero  ni  ukuvuga yuko  abenegihugu   barubaha  indongozi ,indongozi zikubaha abenegihugu. Uri indongozi yatowe ukaba  uri  nk’umukuru  wa  quartier  ugahamagrwa  mugikorwa  nk’iki  ukagisiba   umukuru  wa  zone  yawe  atabizi,ntuba  uzi ivyo  urimwo”,  niko  musitanteri  wa  Mukaza  yavuze,  inyuma  yo  gusanga   ko   hari  abajejwe  intwaro  batitavye  uwo  musi  mukuru,  igihe  hari  hageze  ko  abanyagihugu  batowe  nka ba  ntahonikora bahabwa ivyo bari  bateguriwe  guhabwa  , bigizwe  n’ibifungurwa n’ibindi.

Ariko  bamwe  mubanyagihugu  bitavye  uwo  musi mukuru,  bashima uko  barongowe   nizo ndongozi  kumitumba  gushika no muma quartier, nubwo  kubwabo  ngo  hatabuze akanenge.

“Ibintu buraba vyiza   ariko  ntibibura  agatosi, kandi  ntamuntu  yera de…karacamwo ,ariko  badutwaye  neza”,  niko  umwe  mubanyaguhugu  bo  muri  zone  Muyira  yavuze.

Uwundi  munyagihugu  yemeza  ko  indongozi  kurwego  rwo  hasi  zibatwaye  neza,  kuko  zibumviriza  iyo  babituye.  “Ico  nosaba, nuko  bobandanya  umunyagihugu  abatuye  iciyumviro”, niko  umutamakazi  w’imyaka irenga 60  yari  yitavye  uwo  musi mukuru  wabereye  kw’ibarabara  ryitiriwe  ukwikukira  yabivuze.

Abo banyagihugu  bo  muri commune  Mukaza yamara  bidogera  uguteba  gutunganirizwa   kubera muri  commune  kuri zimwe  mumpauro zihatererwa umukono

“Indongozi  za  zone  Muyira zidutwaye  neza. Ariko  kukibazo  c’amakarangamuntu ahantu zitebera  ni  muri  commune  kuko   barazidindiza   ugasanga  umuntu ariko  aracererwa  kuyironka’’,  niko  uwundi  munyagihugu  yiganye.

Kugira  impapuro  zitangirwa  muri  commune  zinyaruke, abo  banyaguhugu  basaba  ko  abakozi  ba  commune  bokurikiranira  hafi   ivyo  abanyagihugu   bakeneye, kugira   ntibaje  baratakaza  umwanya.

Umusi  wahariwe amakomine ukaba washinzwe  kuva  2023, amwe  mumahangiro , kukaba  ari  ukurabira hamwe  ubuzima bwa  commune,  no  guhamagarira abanyagihugu  kwitabirira  ibikorwa  vy’inyungu rusangi.  Musitanteri  wa  Mukaza  yavuze    indongozi  ziyo  commune  zimaze  kugendera  amazone  yose  ,kugira  zumvirize  zinatorere  inyishu  bihanze  abanyagihugu.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE