Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rijejwe gukwiragiza umuyagankuba n’amazi mu banyagihugu, Regideso avuga ko hari umugambi wo gutanga umuyagankuba uvuye ku mishwarara y’izuba kugira rihangane n’ikena ry’umuyagankuba uva mu ngomero ryibonekeza muri kino gihe kubera urugero rw’amazi rwagabanutse cane mu ngomero.
Mu kiganiro yakoranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 25 Nyakanga 2026, Jean Albert Manigomba yanatanze umuco ku bivugwa ko vyoba vyatumye muri kino gihe hari ubukene bw’umuyagankuba mu Burundi, nko kudatanga amafaranga basabwa hamwe nuko M23 yafashe urugomero rwa Ruzizi II.
Umuyobozi mukuru wa Regideso Jean Albert Manigomba yabwiye abamenyeshamakuru ko muri kino gihe umuyagankuba udakwiye kubera urugero rw’amazi mu ngomero ziwuhingura rwagabanutse.
“Ubwo buhinga buramaze no gukora, kuko turafise centrale solaire ya Mubuga (mu ntara ya Gitega) utanga MGW indwi n’igice. Hari n’iyindi migambi iriko irakorwa harimwo uwuzotanga MGW 500 uzova ku mishwarara y’izuba.”, niko umuyobozi mukuru wa Regideso yavuze.
Gusa ntiyatomoye neza iyo yindi migambi ariko yavuze ko amasezerano n’abikorera utwabo muri ico gisata ariko araterwako umukono.
“Ubu amasezerano menshi ariko araterwako imikono kandi ibikorwa vy’umuyagankuba uvuye ku zuba ntibiteba nk’ivy’umuyagankuba uva ku ngomero kuko vyo, ni ibikoresho tugura, si ivyo turinda kwubaka nko ku ngomero”.
Haraheze amezi atari make uburundi buhanzwe n’ikena ry’umuyagankuba, muri kino gihe ryunyuwe n’uko urugero rw’amazi mu ngomero rwagabanutse nk’uko umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe aherutse kubitangaza.
Muri ico kiganiro, Manigomba yavuze ko iryo shirahamwe hari uruhombo rimaze kugira.
“Twe tudandaza umuyagankuba ,umuyagnkuba ugabanutse,nukuvuga ko umwimbu twadandaza wagabanutse ,n’uburyo bwinjira butegerezwa kugabanuka.Twarahomvye nyene.Abanyagihugu bahora bakoresha 116MGW mugihe umuyagankuba twari dusanzwe dufise wababa 180MGW. Mugabo ubu kubera ibi vyahindutse, twagiye musi ya 70 MGW , nukuvuga uruhombo rugera kuri 40 MGW,twarahomvye.Mugabo ntaco ko amakonteri ahari turiko turayatanga,imvura turabona ko igira igwe,tuzoyisubiza”, niko Manigamba yavuze.
Umuyobozi mukuru wa Regideso kandi yanabeshuje amakuru avuga ko ikena ry’umuyagankuba ry’ibonekeza muri kino gihe mu Burundi ryoba ritumwa nuko Uburundi butakironka umuyagankuba uva kungomero busangiye n’ibindi bihugu nk’urugomero rwa Rusumo hamwe kandi nuko urugomero rwa Ruzizi Uburundi busangiye na RDC rwoba rwarafashwe n’umuhari M23 urwanya Reta y’ico gihugu.
“Ababivuga ni ububeshi,nanje ndamaze imisi ndavyumva.Turabeshuje abavuga ivyo bintu,Reta y’Uburundi irariha atangorane n’imwe. Muri Regideso ntakwezi na kumwe tutariha’’. Hari n’ababeshe ngo umuyagankuba uva muri Ruzizi II nturiko uraza kubera M23 yafashe aho urwo rugomero ruri. Ico ni ikinyoma cambaye ubusa”.
Avuga ahubwo ko urwo rugomero rubandanya rukora neza ,kuko urugero rwa MGW 12 rusanzwe rutanga ,nubu uburundi bubandanya kuyishikira.
Nayo ku kibazo c’uko hoba hari ama quartiers atigera abura umuyagankuba mu gisagara ca Bujumbura, Manigomba yavuze ko ibijanye no kugabangana umuyagankuba bifise ubuhinga bukurikiza.
“ Ivyo gukora delestage birazwi ingene bikorwa. Sivyo twifondera. Iyo umuyagankuba udakwiye ,ibitaro ni ivya mbere, umuhora uriko ibitaro ubwirizwa kuronka ubwa mbere. Tutabigize uko twoba twishe abantu”.

























