Amashirahamwe y’abitunganiriza imigambi agera ku 180 bitegekanijwe ko yitaba indwi yahariwe ivyiyumviro bishasha, kwitunganiriza imigambi n’ubudandaji,mkuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 17 Munyonyo 2026 mu Burundi.
Iyo ndwi itunganijwe n’ihuriro ry’amashirahamwe afasha amashiramwe matomato y’abitunganiriza imigambi BIESO, ikaba ifise intumbero yo gukomeza uguhanahana ivyiyumviro hagati y’abitunganiriza imigambi, kumenya ingorane bahura na zo no guteza imbere imigenderanire hagati y’amashirahamwe matomato n’ayamaze gutera intambwe ishimishije.
Nk’uko bivugwa na Thadée Nzitunga, arongoye BIESO kandi akaba ari we ayiserukira imbere y’amategeko, iyo ndwi iha akaryo abarwizatunga ko guhanahana ivyiyumviro kuntambamyi zo mu kazi kabo no kuronderera hamwe inyishu.
Hazoba kandi ihayanisha gurisha ry’ibidandazwa kugira amashirahamwe matomato ahure n’abarwizatunga bakomeye boshobora kuyafasha gutera imbere.
Ku ruhande rwiwe, Pierre-Claver Nduwumwami, arongoye BBIN akaba n’icegera c’umukuru wa BIESO, avuga ko igisata c’abarwizatunga kiriko kiratera imbere. Amenyesha ko amashirahamwe 40 afasha abarwizatunga amaze gushingwa, biciye ku bikorwa vyo gushigikira abarwizatunga vyakozwe na BBIN mu kiringo c’imyaka 16. Ariko rero, haracariho intambamyi zitandukanye, harimwo ukumenya gutegura imigambi no kuyandika, kurondera uburyo bwo kuyishira mu ngiro, kuronka ubwishingizi, hamwe n’ibura ry’umuyagankuba uza uracikagurika, nk’uko amashirahamwe matomato abivuga.
Ihuriro ry’abanyamahinguriro mu Burundi (AIB) na ryo rirashimangira ko ryiyemeje gushigikira amashirahamwe matomato n’ayaringaniye akora ibikorwa vy’ubuhinga n’uguhingura, biciye canecane mu migambi yo kwongereza ubumenyi n’ubushobozi bw’abayakoramwo.
Ku bijanye n’ibura ry’umuyagankuba, AIB ivuga ko iriko iraganira na REGIDESO ku kuntu amasaha y’akazi y’amashirahamwe yohuzwa n’igihe umuyagankuba ubonekera, nk’uko bivugwa na Emmanuel Ntakirutimana, umunyamabanga mukuru wa AIB. Gukoresha inguvu z’izuba no gushira imitahe mu kwubaka ingomero zitanga umuyagankuba na vyo biri mu vyiyumviro vyatanzwe na AIB nk’inzira zo gutorera umuti iyo ngorane.
Uretse amashirahamwe matomato 180 amaze kwemeza ko azokwitaba iryo hayanishagurisha ry’ibidandazwa rizobera muri Hotel Source du Nil kuva kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 17 Munyonyo 2026, hari hateguwe muri rusangi ibibanza 250 kugira yakire bene ayo mashirahamwe yipfuza kwerekana no kudandaza ivyo akora muri iryo hayanisha-gurisha.

























