Abavyeyi bari mu mpunzi z’abanyekongo ziri mw’ikambi y’impunzi ya Busuma muri Komine Ruyigi intara ya Buhumuza bavuga ko batewe impungenge n’ibitigiri vy’abana b’abigeme batwara inda bakiri bato.
Bamwe mu bavyeyi bari muri izo mpunzi, bavuga ko zimwe mumvo zibituma ari ubuzima butoroshe izo mpunzi zibayemwo.
Nk’uko bamwe mu bakenyezi b’abanyekongo bari mu mpunzi ziri muri iyo kambi ya Busuma, zimwe mu mvo zituma izo mbanyi ku bigeme bataragera kwubaka, ni ubukene bw’ivyankenerwa babayemwo muri iyo kambi.
«Urashobora gusanga umukobwa wa 12 canke 13 yatwaye inda , kubera ubuzima tubayemwo mwikambi. Ushobora gusanga umwigeme atagira amavuta yo kwisiga canke agatenge, aramutse rero ahura n’umuhungu abimuha rimwe gusa aca atwara inda, hano inda ni nyinshi, ni nyishi », niko umwe muri abo bakenyezi w’abana babiri avuga.
Ikindi zimwe muri izo mpunzi zishikiriza ni uko hari n’abafatwa ku nguvu gutyo bakisanga batwaye inda batipfuza.
«Izo nda bazitwara kubera imvo zitandukanye. Hari abafatwa ku nguvu, kubera uko gufatwa ku nguvu, hari abisanga batwajwe inda», niko abandanya avuga.
Izo mpunzi zivuga ko ingaruka ari nyishi kuri abo bigeme batwara inda batipfuza, kubera ukubura ivyo gufungura bikwiye hamwe nuko hari abahavura bahitamwo kuzikorora.
N’aho biri uko bamwe mu bakenyezi bari muri izo mpuzi z’abanyekongo bahanura abigeme n’abandi bakenyezi bagenzi babo kudatwarwa n’ingeso yo gukunda amaronko, ariko kandi bakabandanya gusaba gusubizwa mu gihugu cabo.
«Nivyo baraduha imfashanyo z’intica ntikize, hari aho turonka iyo mfashanyo nko mu matariki 3 canke 9, ugasanga ukwezi guheze ubukene buturembeje, umaze rero kuronka uwuguha n’ibihumbi 5 usanga wagiye muri izo ngeso. Igikenewe n’uko bongereza imodoka zidutahana, nta kindi twumva twosaba cogira ico kitumariye», niko uwundi mukenyezi yigana.
Gushika mu ntango za Gitugutu uno mwaka, ikambi y’impunzi ya Busuma yaharurwamwo abakongomani bagera ku 33.000.
Ariko bakaba babandanije guhunguka, amashirahamwe yitaho impunzi akagabisha ko imfashanyo igenewe izo mpunzi ishobora guhagrikwa kuva mu ntango z’umwaka uza wa 2027.

























