Abasanzwe badandaza ibinyobwa vya Brarudi ku murwa mukuru w’intara ya Makamba baridogera akamwana wa mama karanga itangwa ryavyo .Abajejwe intwaro baragabisha bakavuga ko muri kino gihe badahengeshanya guca amahadabu abikika mu kiza mu kunyegeza no kuzimba kuri ivyo binyobwa.
Bamwe mu bafise ubunywero ku murwa mukuru w’ntara ya Makamba bashikiriza ko badashima ukugene ibinyobwa vy’ihinguriro Brarudi biriko biratangwa muri ino misi .Bamwe mu badandaza bavuga ko baronswa bike iyo bibonetse ahandi naho ntibanabironswe bananegura ko hajamwo akamwana wa mama bakibaza ko ababiranguza hari aboba babinyegeza.
Umwe mubakora akazi ko kosta inyama avuga ko babona inzoga zinjiye ariko haheze umwanya ngo zaheze bagashikirizako babona izindi baca bazitwara muyindi ntara kuzidandaza ku giciro kinini canke bakazitwara kuzidandaza mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya bakidoga ko nivyo bituma bahomba .
Ivyo bikabatera ikibazo ,bakerekana ko muri kino gihe bariko bakora bahomba kandi ko barishe ibintu vyose kuma komine no muri OBR bakavuga ko ubu batagishobora gutunga imiryango yabo, bagasaba ko ivyo binyobwa bibonetse vyotangwa mu muco.
Abajejwe intwaro bo muri iyo ntara bakavuga ko bagize imisi baca amahadabu abadandaza banyegeza ivyo binyobwa naba biduza ibiciro .