Abadandaza bahoze bakorera ahahoze isoko ry’imbaho aho bita Kukabasazi yadutsemwo umuriro mw’ijoro ryo kuwa 15 Nyakanga 2024 igice kitari gito carimwo imbaho kirasha , kuva ivyo bibaye hahavuye hafatwa ingingo ko abahora bahakoreraho batobandanya bahadandariza .Bamwe mubabadandaza bavugako uyu musi bitoroshe kubeshaho imiryango yabo kubera bemeza ko bari mu bukene.
Bamwe mu badandaza bahoze bakorera mw’isoko ryo ngaho benshi bita Kukabasazi muri karitiye ya Mutanga Nord zone Gihosha komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura baridoga ko batagifise uburenganzira bwo gukorera muri iyo soko kuva aho uyo muriro wadutse muri ico kibanza c’ubudandarizo mu gice kidanadarizwamwo imbaho,abo badandaza bavuga ko ariho hari habatungiye imiryango .
Abo badandaza bashikiriza ko babaye bararondera akabaza gato kugira barabe ukuntu bokwibeshaho kugira abana ntibicwe n’inzara bakamenyesha ko basa nabasavye indaro kuko umwanya wose bashobora kuja bumva bababwira guhagarika ibikorwa vyabo bigatuma badatekanigwa ;abo badandaza bavuga ko badatahura igituma bamwe batemererwa gukorera aho bakaguma bababwira ko bariko barabatuganiriza ariko abandi begereye ibarabara bakabadanya bakora .Abo badandaza bagasaba abajejwe intwaro ko bobatunganiriza kuko ubuzima butoroshe aho bari kandi ko bohabwa impusha zo gukorerayo .
Abajejwe intwaro muri iyo karitiye ya Mutanga nord bavuga ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yokubanza kuraba icatumye uyo muriro waduka kugira ntihasubire gusha bagashikirizako bafise umwizero ko iyo soko ishobora kugururwa vuba , kuko haherutse gukorwa intonde zabari bahafise ibibanza.