Espérance Ndoricimpa ni umuvugabutumwa akongera akaba n’umuririmvyikazi asanzwe aba muri Leta zunz’ubumwe za Amerika. Uretse indirimbo agiye gushira ahabona vuba, hari igikorwa c’ivugabutumwa no gufasha abatishoboye azokorera mu Kayanza aho asanzwe avuka.
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 30 Munyonyo 2024, ni ho yakiriwe n’abanditsi n’abamenyeshamakuru ku kibuga c’indege i Bujumbura.
Espérance n’ubwo asanzwe aba mu mahanga, indirimbo ziwe nyinshi azikorera mu Burundi, ngo ni mu ntumbero yo guha akazi abana b’Uburundi kugira nabo batere imbere, hamwe no gushigikira impano z’abandi baririmvyi baririmba indirimbo mpimbazamana.
Ndoricimpa Ndoricimpa yashoboye no kwakirwa ku kibuga c’indege n’umuririmvyikazi Divine Light, uwo yavuze ko basanzwe bafise n’indirimbo bakoranye.
Uretse ko Espérance iyo aje mu Burundi aba akumbuye i gihugu c’amavukiro, hari indirimbo yiwe yise “urukundo”yashimye gusohorera mu Burundi muri uku kwezi kwa kigarama izoba igiye ahabona.
Nta gihe kinini agiye kumara hano mu gihugu cacu, ariko indirimbo azohakorera zizobandanya zisohoka yamaze gusubira inyuma, nk’uko yabishikirije mu kiganiro yatanze ku banditsi n’abamenyeshamakuru.