Abanyagihugu baba muri site Gisagara iri muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura basaba kwimurwa muri ico kibanza kuko bemeza ko hari abamaze imisi bitaba Imana mu buryo bavuga ko budatahuritse.Uwurongoye iyo site aremeza ko hari abapfa muri ino misi kandi ko boba badahitanwa n’indwara.
Abo banyagihugu bari barateshejwe izabo n’imyuzurira y’ikiyaga Tanganyika n’uruzi Rusizi muri zone Gatumba baraheza munyuma bimurirwa muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura bavuga ko mu mezi abiri gusa hamaze kwitaba Imana abantu 4 kandi batazi ikiba kibahitanye kuko bapfa batarwaye.
Bamwe muri abo bavuga ko bibaza ko izo mpfu zoba ziriko ziva k’ubuzima babayemwo butoroshe bagasaba gukurwa muri ico kibanza.
Umwe mubaba muri iyo site ashikiriza ko bibatera ubwoba n’amakenga kuko izo mpfu zikunda gushika mu masaha y’ijoro ,bakavuga ko imbeho nyishi irangwa muri ico gice batari bayimenyereye na cane cane abageze mu zabukuru .Baranatewe kandi n’impungenge n’inkuba zikunze kurabika abantu iyo imvura iguye,agira ati:”Ntajoro rica abantu batariko barasenga kuko haboneka ibintu biteye ubwoba ,bitamenyerewe biza gukubita amakofe abantu,hari abantu buzuye ibirabagu bimeze nk’uko umenga ni ugusha k’urukoba ariko bikayobera aho yahiriye”.
Abdoul Karim Muzinga arongoye site Gisagara avuga ko ivyo bintu bihari kandi vyabayobeye badashobora gutahura ivyarivyo kuko abapfuye bose ata ndwara imenyerewe yigeze y’igaragaza kuribo.
Uyo mutware asaba aba muri iyo site ko batokwikekana,ngo bagirizanye ubwicanyi mu kurundira ko bimurirwa ahandi.
Abo banyagihugu bibaza ko ivyo bibatera vyoba ari amashetani ariko gusaba ko bakurwa aho hantu bakimurirwa ahandi,ariko n’ubwo ivyo vyifashe ukwo reta yaratunganije ikibanza kizokwimurirwamwo imiryango 618 muri site Gateri iri muri komine Buganda mu ntara ya Cibitoke, abasigaye nabo reta itegekanya kububakira amazu mu kindi kibanza kitaramenyekana nkuko yabishize mu minwe y’ ikigo c’igihugu kijejwe inyubako OBUHA.