Umuririmvyi “Mutama wubuki” azwi kw’izina rya ´Easy Boy ni we akunda kuvuga ngo “ubuntu burihabwa”, kandi ngo “kuguma uboneka mu bibanza vyinshi vyica akazi”. Amenyesha ko kugira umuziki ndundi ushike kure, ari ukuraba ivyo abandi bakora.
Mu kiganiro yahaye Radio indundi Culture, Easy Boy yamenyesheje ko indirimbo yiwe shansha yise “Ndiyemera” yamufashe umwanya munini kugira isohoke, ariko agashimira umuririmvyi “19th” ukuntu yamubwiye igikorwa afise akacakira kandi bakagikorana neza. Iyo ndirimbo “Ndiyemera” ikaba ifise indwi 2 isohotse, kandi ngo ntivyorosha ku mbuga ngurukanabumenyi ziwe.
Umuririvyi “Mutama w’ubuki” avuga ko muri iyo ndirimbo yashimye gushiramwo umudiho w’ikirundi kuko akunda uburundi, akamenyesha kandi ko icatumye asohoka igihugu akaja mu Rwanda kwari ukugira akore igikorwa ciza gifise akanovera, hamwe n’umuntu ayumvirije atarambirwa.
Easy boy amenyesha ko Uburundi bufise abahinyanyuzi bazi akazi ariko ico babuze ari ibikoresho n’abantu bo kubafata mu mugongo, ar ina vyo bisubiza umuziki ndundi inyuma. Avuga at:” umuziki wanje nawutanguye n’inguvu nyishi, kandi ndashimira abamenyeshamakuru bamfashije mu kunduza mbere no kumenyekanisha ibikorwa nkora mu bakunzi banje”.
Uwo muririmvyi akavuga ko hari ho indirimbo igiye gusohoka ari kumwe n’abandi, kandi ko ico gikorwa kigiye kugaragara vuba cane, kandi ko uyu mwaka agiye gukora n’inguvu zindasazwe kugira aryohere ubakuzi biwe.