Kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 09 ntwarante niho hatunganijwe ihiganwa Ku bigeme n’abasore mu gisagara ca Bujumbura .
Odette Nsengiyumva avuka mu ntara ya Gitega, mu gisata c’abigame niwe yatahukanye ikibanza ca 1 mu bigeme 14 bahiganwe ibirometero 37,5 akaba yuabikoze mu minota 19 n’ama secondant 26.
Nayo mugisata c’abasore bahiganywe ari 37 uwitwa Felicien Ndabarushimana avuka i Ngozi niwe yatahukanye ikibanza ca mbere .
Iryo higanwa rikaba ryateguwe mu ntumbero yo guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi no kwugurura nyezina ibikorwa vyo mu mwaka w’2025 , kakaba kari kandi n’akaryo ko gusuzuma urugero abakinyi bari mu myimenyerezo mu mugambi wiswe ‘ Projet pour l’emergence et la promotion des sports/Burundi (PEPS )”.
Imidari ikaba yashoboye kuronswa abashoboye gushika mu kibanza cambere gushika muca gatatu .
Uwurongoye Ishirahamwe ryo gusiganwa Ku makinga Bernard Ntagumuka akaba yibukije urwo rwaruka ko naho urukino rwo gusiganwa Ku makinga atamahera rurihishwa rutuma igihugu gitera imbere .