BurundihomepageKirundiTransport

Abunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura bahagaritse imirimo

Bamwe mu bunguruza abantu bagenda hagati mu gihugu bahagaritse imirimo inyuma y’aho baciriwe ihadabu riri hagati y’ibihumbi amajana atanu n’umuriyoni, amafaranga bavuga ko atuma imirimo ihungabana.

Hari igihe c’isaha zitanu aho twashika ku bituro vy’imiduga bitandukanye yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura baja mu ntara zo hagati mu gihugu. Abantu bari bagandagaje bamwe bikoreye utuzigo bari kudugana abandi bicaye basa n’abihebuye. Abo twashoboye kuganira bavuga ko bamwe bahashitse isaha icenda z’ubuca kugira barabe ko boshobora gufata ingendo bari bateguye.

H.E :”nagize ndaza mu gatondo ka kare nahize imodoka ndahebura, mfise umugore n’umwana twaje tuzananye ku rubanza tuva mu ntara ya Ngozi none turabuze uko dusubira iwacu. Umwana n’amarira nabuze ico mfata n’ico ndeka.

Abo banyagihugu bavuga ko kugeza aya mango ata muduga n’umwe barabona upakiye abantu ngo bafate ingendo.

Twegereye abo bunguruza abantu nabo bati: “ntiturota duhagurutsa imiduga mu gihe Reta yashinze ibiciro vyo kwiyunguruza ata bitoro turiko turonka twopfuma duheba gukora kuko dukora duhomba.

E.k :”nimba iryo tegeko ryasohotse babanze barireke rize rije mu ngiro baduhaye igitoro barabe ko ivyo badusavye vyagiye mu ngiro kuko tudafise igitoro ntidukora”.

Abariko bariyunguruza bo babona ko iyo ngingo yo kwubahiriza ibiciro vyo kwiyunguruza ataco ije gufasha mu gihe abunguruza abantu nabo ata bitoro bariko bararonka.

E.v “Ikibazo n’uko umengo abatware badutereranye n’ibibazo biba biri mu gihugu umushefu afashe ingingo ngo bace amande y’umuriyoni umushoferi adugije ibiciro ntibace batwereka ingingo mperekeza twebwe abanyagihugu baba baduhevye”.

Bose batabaza Reta y’Uburundi ngo itorere umuti ico kibazo.

Inyuma y’inyishu zitandukanye zagiye ziratangwa nko mu myaka itanu iheze, ku wa 13 Ruheshi uwu mwaka mu kiganiro c’abagize urwego nshingwabikorwa vya Reta, abanyagihugu n’abamenyeshamakuru umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo amasoko ntanganguvu Ibrahim Uwizeye yishuye agir’ati :”Iyo ibintu bimeze gutyo tubwirizwa gukoresha igitoro ico vyagenewe mbega mu gihugu hinjira amadorari angahe? Hanyuma igihugu nticayakoresha neza Mugihe bitaruko rero ku mafaranga dufise igihugu kikaduha amafaranga yo kuzana igitoro mugifate nk’uko dutunganya ibindi.

Uwufashwe ubu yarengeje ibiciro vyashinzwe na Reta kuva ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana abunguruza abantu bava hano mu gisagara ca Bujumbura baja mu ntara zitandukanye bacibwa ihadabu riri hagati y’amafaranga ibihumbi amajana atanu n’umuriyoni.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE