Abakorera mu gisata c’ugutwara abantu n’ibintu mu gihugu ca kenya batanguye imyiyerekano yo guhagarika ibikorwa vy’ubwikorezi bwa rusangi mu kwiyamiriza iduga ry’ibiciro vy’ibitoro riheruka gushirwaho ivyo bakaba bariko babikora mu gusaba reta gukuraho iryo duzwa ry’ivyo biciro.
Iyo myiyerekano yiswe “Oya ku kuduzwa kw’ibiciro vy’amavuta” yatanguye mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 18 Rusama 2026, aho imodoka zitwara abantu zizwi nka matatu hamwe n’abandi bakorera muri ico gisaga bahagaritse canke bagabanya ingendo basanzwe bakora.
Iyo myiyerekano yatumye abantu isinzi babura uburyo bwo kuja kubuzi bwa misi yose bw’igihugu, kubera ukubura ikibunguruza.
Amashure amwamwe nayo nyene yahisemwo guhagarika ivyigwa kuri uyu musi wa mbere mu rwego rwo gukingira abanyeshure kugira ntibahure n’ingorane. Abana basaba kuguma muhira kubera ikibazo c’ukwiyunguruza.
Mu gisagara ca Nairobi, igitoro ca essance kikaba kiriko kigurishwa amafaranga 214 ku litiro mu gihe amazutu yo ageze ku mafaranga 242 ku litiro. Ivyo vyatumye ubuzima burushiriza kuzimba ku banyagihugu kuko ibiciro vy’ibifungurwa n’ibindi vya nkenerwa vyaciye biduga cane.
Benshi bibaza nimba uwo mugumuko uzotuma reta ihindura ingingo yayo canke nimba abanyagihugu bazobandanya kubaho mu ngorane z’ubuzima buguma burushirizaho kuziba.

























