A la UneAgricultureKirundiSociété

Abarimyi b’icayi basaba kw’igiciro coduzwa

Abarimyi b’icayi bo muri zone Ijenda muri komine Mugongo-Manga intara ya Bujumbura bavuga ko basa n’abakorera ubusa kuko ikiro c’icayi kigurwa amafaranga  y’amarundi 350 mu gihe amafaranga 50 bayakatwa n’ihinguriro ry’icayi OTB mu kwiriha ingurane y’ifumbire baba barabahaye.Abo barimyi basaba ko ico giviro coduzwa.

Bamwe muri abo barimyi b’icayi bo mw’Ijenda bavuga ko kuba barima igiterwa njabuka mazi ariko bakaba bahabwa amahera y’intica ntikize ku kiro bituma umwete wo kurima icayi ugabanuka kuko kugira umwimbu uboneke bibasaba inguvu nyishi, ndetse no kugira baronke ifumbire bayihabwa n’ihinguriro ry’icayi OTB rikorera muri iyo zone ya Ijenda nabo bakazokatwa amafaranga yo kuriha iyo fumbire hageze gushora.

Umwe muri abo agira ati:”Birababaje kunyagirirwa mu murima w’icayi agahuzu kagatabuka ugasoroma ibiro 10 ariko ntukuremwo n’inoti y’ibihumbi 10 kandi witwa ko warimye igiterwa njabukamazi,dusaba ko icayi coduzwa igiciro nk’ibindi biterwa vyose bagashira nko ku mafaranga 1000 k’uburyo agahuzu gatabutse twoshobora kugura akandi”.

Mu cegeranyo co mu kwezi kwa rusama umwaka wa 2024 cerekana uko ubutunzi bwifashe mu bisata bitandukanye,ibanki nkuru y’igihugu BRB yerekanye ko mu gisata c’uburimyi umwimbu w’igiterwa c’icayi wakorotse 8,3 % ugereranije no mu mwaka wa 2023,kuva k’umwimbu ungana ku matoni 5731,2 gushika ku matoni angana 5256,8.

Ivyo vyifashe uko mu gihe kuva mu mwaka wa 2012 gushika muri 2021 ikiro c’amababi y’icayi cagurwa amafaranga y’amarundi 250. mu kwezi kwa nyakanga mu mwaka wa 2021, ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo uburimyi bwaradugije igiciro c’icayi gushika ku mafaranga 280 ari nayo kiriko gushika n’ubu.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE