Umushikiranganji w’ukwivuna abansi n’ukwitaho abahoze ku rugamba, Alain Tribert Mutabazi yabivuze kuri uyu wa 15 mukakaro 2025 mu kiganiro n’abamenyeshamakuru amenyesha aho ubutumwa abasirikare b’abarundi barimwo mu bihugu bitandukanye bugeze.
Inyuma y’imyaka 18 abasirikare b’abarundi bari mu gihugu ca Somalia kurwanira no kubungabunga amahoro bivuye ku ntambara yari imaze imyaka 30, igikorwa cabo gishobora kurangira muri kigarama uno mwaka. Imvo, somalia yaragabanije igitigiri c’abasirikare b’abarundi bakenewe ubu m’umugambi mushasha wo gufasha ingabo za somalia mu bikorwa vyo gutsimbataza amahoro AUSSOM , ibitigiri Uburundi bwafashe ko ari bike.
Umushikiranganji w’ukwivuna abansi Alain Tribert Mutabazi ati :”ubu abasirikare b’abarundi bari mu nyongera y’amezi atandatu yo kuva kuwa 30/6/2025 itariki babwirizwa kuba batashe”. Mutabazi asigura ko iyo nyongera bayikesha ibihugu rutura bitanga uburyo bwo kugarukana amahoro mu gihugu ca somalia bashima ko Uburundi buri mu bihugu vya mbere vyitanze kugira amahoro aboneke muri somaliya.
Ku bijanye n’abasirikare bari mu bihugu vya Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Congo na centrafrique, umushikiranganji w’ukwivuna abansi Alain Tribert Mutabazi amenyesha ko ubutumwa bwabo bubandanya. Ku bijanye n’agashirukabute k’abasirikare barungikwa kugarukana amahoro n’umutekano mu bindi bihugu gateba, Alain Tribert Mutabazi amenyesha ko ico kibazo babandanya bagikurikirana.
Kuwa 26 kigarama 2024 , umushikiranganji wo kwivuna abansi wa somaliya Adulkadir Muhammed Nur yarandikiye mugenziwe w’uburundi amumenyesha ko abasirikare b’abarundi batazobandanya mu bikorwa bishasha vyo gutsimbataza amahoro vyiswe AUSSOM. Mu ntango 2007 ingabo ibihumbi umunani nivyo vyari vyarungitswe muri somalia mu butumwa bwo kugarukana amahoro n’umutekano.