BurundiDéveloppementEntertainmenthomepageKirundi

Amashirahamwe Bonne Action Umugiraneza na CRS barabandanya gufashanya mu gufasha abana b’impunzi

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 25 Ruheshi 2026, Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu c’UUburundi Angeline Ndayishimiye yakiriye mu mubonano Jude-Marie Banatte, umuyobozi wa Catholic Relief Services (CRS) ajejwe akarere ka Afrika yo hagati na Afrika y’uburengero. Ikiganiro cabo cari kijanye no gukomeza ubufatanye hagati ya CRS n’ishirahamwe Fondation Bonne Action Umugiraneza, cane cane mu gufasha abana b’impunzi baba mu Burundi.

Inyuma y’uwo mubonano, Jude-Marie Banatte yarashimye uruhara rw’Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu hamwe n’ishirahamwe arongoye mu bikorwa vy’ubutabazi n’iterambere birangurwa hirya no hino mu gihugu. Yashimikiye ko ubwo bufatanye bufise intumbero imwe yo guteza imbere imibereho y’abakeneye imfashanyo kurusha abandi, na canecane impunzi zaturutse muri Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo (RDC).

Inkingi zitatu z’ingenzi zizoshirwa imbere

Nk’uko vyashikirijwe n’umuyobozi wa CRS muri ako karere, ubufatanye hagati y’ishirahamwe arongoye na Fondation Bonne Action Umugiraneza bugamije guteza imbere uburyo abana b’impunzi bashobora kuronka inyigisho zifise ubuziranenge.

Ubu bufatanye buzoshirwa mu ngiro biciye mu mice itatu y’ingenzi. Umuce wa mbere werekeye inyubakwa z’amashure kugira ngo abana bashobore kwigira ahantu heza kandi hatekanye. Umuce ugira kabiri uzokora ku bijanye no gufasha abana mu vy’inyifato n’ivyiyumviro (soutien psychosocial), aho Fondation Bonne Action Umugiraneza isanzwe ifise ubumenyi n’ubuhinga bukomeye. CRS nayo izotanga ubumenyi n’uburyo bukenewe kugira ifashe kurushiriza gushigikira abo bana bahuye n’ingaruka zo kwimurwa ku nguvu.

Umuce ugira gatatu uzokwibanda ku guteza imbere ubuziranenge bw’inyigisho, biciye mu guhugura abarimu no gukomeza ubushobozi bwabo mu kwigisha, kugira abana b’impunzi baronke inyigisho zijanye n’ingingo ngenderwako zemewe.

Kwemeza bushasha ukwiyemeza gukorera mu Burundi

Jude-Marie Banatte yavuze ko iki gikorwa ari intango y’ubufatanye buzorushiriza gukomera uko imyaka izogenda irahera. CRS isanzwe ikorera mu Burundi kuva kera, kandi ifise umugambi wo kubandanya no gukomeza ibikorwa vyayo vyo gufasha abanyagihugu hamwe no gushigikira imigambi ya Reta y’Uburundi mu vy’iterambere n’ubutabazi.

Yagize ati : « Uru rugendo rutubereye akaryo ko gusubiramwo ukwiyemeza kwa CRS gukorana n’abarundi hamwe n’abategetsi b’igihugu kugira ngo dufashe mw’iterambere ry’imibano n’ubutabazi. »

Gushitsa intumbero y’Uburundi 2040-2060

Uwo muyobozi wa CRS kandi yaramenyesheje ko ibikorwa vy’ishirahamwe arongoye bihuye n’intumbero y’Igihugu yo kugira Uburundi igihugu kiriko kiratera imbere mu mwaka wa 2040 no kuba igihugu citeye imbere cane mu mwaka wa 2060.

Mu rugendo ariko aragirira mu bihugu bitandukanye vy’akarere, Jude-Marie Banatte yavuze ko urwo yagiriye mu Burundi rwibanze cane ku gukomeza ubufatanye na Fondation Bonne Action Umugiraneza kugira ngo hatezwe imbere indero, ugukingira no guteza imbere imibereho myiza y’abakeneye imfashanyo kurusha abandi, na canecane abana b’impunzi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE