EntertainmentKirundiSociété

Amezi abiri ararangiye bimwe mu bikoko vyo mu kiyaga Tanganyika bitihaye inkumbi .

 

Bamwe mu basanzwe barangurira imirimo ku nkengera z’ico kiyaga bemeza ko haheze ikiringo ata mvubu canke ingona bihitanye ubuzima bw’umuntu . Abajejwe intwaro muri komine ntahangwa bemeza ko zaheruka kwica umuntu mu mwaka wa 2024.

 

Abarovyi be n’abakora imirimo yo kudandaza ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, aho benshi bita ku mase muri zone ngagara komine ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura,bemeza ko bimwe mu bikoko vyahora bibangamira ubuzima bw’abarangurira imirimo kuri uwo mweha vyatekereje kuko kubwabo ivyo bikoko biheruka kwiha inkumbi mu Kwezi kw’icumi kw’umwaka wa 2024.

Umwe mu barovyi ashikiriza ko ubu ari agahengwe kuko mu gihe cahera ivyo bikoko vyahiranye bamwe mu bagenzi biwe ashikiriza ko hari aho ivyo bikoko bitekereza n’ikindi gihe bigeramira ubuzima bw’abantu  ashikiriza ati: ” zarababangamirz cane gose mugabo ntakuntu zarira kumusozi , hariho gihe umenga ziri mu gacerere mbere nabarovyi bagaca impande yazo ntihagire ico zibagira , n’ikindi gihe umenga zasaze naho zikibona uri kure zikwirukako”.

Abo banyagihugu bibaza igituma ivyo bikoko bisara ariko bagasaba umugwi w’abahinga gusigurirwa kugira bamenyeshwe ingene bokwirinda gutwarwa ubuzima nivyo bikoko…

Amakuru ava mu bajejwe intwaro muri zone ngagara avuga ko mu mwaka wa 2023 ivyo bikoko vyahitanye ubuzima bw’umuntu umwe yariwe n’ingona nayo mu Kwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka wa2024 umurovyi yarahasize ubuzima biturutse kuri ico gikoko

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE