Inyuma yo kuba umumenyereza w’umugwi wo mu cicaro ca kabiri mu Burundi witwa Big Green akaba no muri Staff y’umugwi Aigle Noir , umukinyi wakera w’Intamba mu rugamba na Vital’o Fc Amissi Tambwe yagizwe Manager w’umugwi Singida Black Stars ukina mu cicaro cambere muri Tanzania .
kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2025 , niho umugwi Singida Black Stars wasohora itangazo ryo kumenyesha abakunzi b’umugwi wabo ko bagize impinduka ku mugwi wabo bakaba bongeye muri Staff umumenyereza Juan Clarlos Oliva avuye muri Espagne nk’icegera cambere c’umumenyereza. Baca basubira kumenyesha ko umugwi uzobandanya umenyerezwa n’umumenyereza mukuru ariwe David Ouma .
Singida Black Stats muri iryo kete yamenyesheje ko yongeye Amissi Tambwe muri Staff y’uwo mugwi nka Manager mugihe uwitwa Chalamila yahora muri ico kibanza yahinduriwe amabanga agirwa Umunyamabanga mukuru w’imigwi yose ya Singida Black Stars .
Mwomenya ko Amissi Tambwe yakiniye imigwi ikomeye ya hano iwacu nka Aigle Noir Cs , Vital’o Fc , muri Tanzania yakiniye imigwi ya Simba Sc na Yanga ndetse na Singida United itarahindura Izina ngo yitwe Singida Black Stars.