EntertainmentKirundi

BIG Fizzo avuze uko umubano wifashe be na Drama T ,Kirikou na Double Jay barerewe muri Bantu Bwoy

 

Big Fizzo aranegura ingeso zimwe zimwe ziboneka mu baririmvyi yareze mu mugwi Bantu bwoy akaba atarya umunwa mu kuvuga KO batakimuha na yambu.

Mugani Desire asanzwe ariwe nyene inzu ihinyanyura umuziki “Bantu bwoy” azwi kw’izina rya Big Fizzo mu kiganiro yahaye bagenzi bacu bo muri isanamu media, yamenyesheje ko abaririmvyi bari mu mugwi  Bantu bwoy nka Drama T , Kirikou Akili, Double Jay kumwe n’abandi bose ko bashobora guhura mu biteramo ntibamuramutse .

Fizzo asigura ko intumbero yiwe yari kubaduza nabo bashike ku ndoto zabo, ariko hamwe n’ivyo avuga ati ivyo sivyo vyo muca intege.

 

Uwo muririmvyi azwi nka kizigenza mu barimvyi b’imidiho yose , ashikiriza ko hageze igihe ivyo gukora umuziki wiwe abanza kubihagarika gato kugira iyo mikangara igere aho ishaka kugera , akaba ahimbagwa n’intambwe bateye.

Uwo muririvyi avuga ko ivyo bamweretse bitoshobora kumusubiza inyuma canke ngo bimuce intege .

Desire ashikiriza ko bamaze kumutera akagere yaciye afata akanya ko gukora ibikogwa vyiwe , umwaka 2025 akaba yawusozereye amaze gusohora indirimbo yise “Niwe nshaka, hamwe na Melanin Boy » n’iyindi yaririmvye hamwe na Alne Sano ”

 

Mugani muri Kino gihe abarizwa mu gihugu c’Ubutariyano akaba yahejeje umwaka wa 2024 ari c’Ububirigi mu gisagara ca Bruxels ateramisha abakunzi biwe muri ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE