Abaririmvyi babiri b’abarundi MB Data na Sat-B ntibariko barahuza kubera agashimwe “Trace Awards ” aho bacishije ku mbuga ngurukanabumenyi zabo za X na Facebook bavuga ko hageze ko n’abarundi baja mu mahiganwa kuko umuziki bawuzi.
Abo baririmvyi ngo ikibabaza nuko bazi umuziki ariko batigeze batorwa kugira nabo baje mw’ihiganwa rya Trace Awards ryabaye kw’igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2025 mu birori vyabereye muri Zanzibar mu gihugu ca Tanzaniya mu kurondera ubushimwe bw’abaririmvyi bigenjeje neza mur Africa.
Amwe mu majambo yashikirijwe na Sat-B biciye ku kinyamakuru Yaga agira ati:”abaririmvyi b’abarundi turacirukira kuronka umuriyoni umwe w’abaraba ibikorwa vyacu kuri YouTube, ariko abatumiwe muri Trace Awards ivyo biharuro babirenganye kera bafise ibiharuro bihambaye ku mbuga za Spotify, Apple music n’izindi..,ahandi bigoreye ni kururimi rw’ikirundi turirimbamwo rutahurwa na bake mu bindi bihugu kandi ntituzoruheba kuko 90% vy’abarundi nirwo batahura,ariko iyo hagize uwuririmba mu congereza kumenyekanisha iyo ndirimbo mu bindi bihugu birazimvye ntibikora uwariw wese,kuko Trace Awards ijamwo ibihugu vyose vyo muri Afrika kandi bose ntibotumirwa ngo bikunde bisaba ko igihugu kiba caramenyekanishije umuziki kikariha amafaranga ari hagati ya 300.000 na 1.000.000 kuduga y’amadorare bivanye n’amasezerano ari hagati yabo niho abaririmvyi baca babashira k’urutonde.
Ariko n’ubwo biri uko mugenzi we MB -Data wewe arabeshuza ivyo Sat-B avuga aho avuga ko kuja muri Trace Awards bidasaba kuririmba mu congereza kuko habayemwo n’abaririmvye m’ururimi gw’igiswahili,ati:”mu Burundi habuze urukundo no gushigikirana hamwe no kumenya ukwo twifata imbere y’abantu n’indirimbo zihinyanyuye neza kuko reta n’ihiganwa ntaho bihuriye.”
Uwo muririmvyi avuga kandi ko akeneye ko abarundi batahura uburundi atamuziki wabwo bufise kuko gushika ubu bakoresha imidiho(afro beat)yo mu gihugu c’u Rwanda,amenyesha kandi ko barundi bokwiga gukoresha imidoho ya kera aho atanga akarorero ku ndirimbo yiwe aherutse gusohora yitwa “Mamy wata”