Amakuru mu kirundiClimatCommerceCoopérationDivertissementEmissions

Burundi: Haracari agahaze kugira amabi akorerwa abakenyezi aranduranwe n’imizi

Abigeme biga muri kaminuza y’Uburundi, bashikiriza ko batabona akamaro k’umusi wahariwe kugwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme mu gihe      hacibonekeza abakenyezi canke abigeme bafatwa ku nguvu.

Ukwo umwaka utashe igenekerezo rya ku 25 Munyonyo gushika kurya 10 Kigarama hama hatunganywa isekeza ry’imisi 16 yaharaniwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme,mu Burundi iyugururwa  ry’iryo sekeza ryabereye muri komine Gihanga y’intara ya Bubanza.

Bamwe mubakenyezi bo muri  komine Gihanga bitavye ivyo birori bashikiriza ko bashima kuba hariho umusi wabahariwe kuko ibibashikira bitabanezereza bagatanga akarorero kabatabwa mu ngo nabo bubakanye mu gihe baba bafitaniye abana.

Umukenyezi N.C agira ati:”turahohoterwa, nico gituma twitabiriye uyu munsi waduhariwe kubera amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme ahari kuko turatabwa nabo twubakanye maze tugasigara turarera abana nkipfuvyi kandi bafise abavyeyi,vyongeye abigeme babandanya bafatwa kunguvu, ngasaba ko uyumusi woba uwo kurandurana n’imizi iyo ngeso kugira ihohoterwa rihere hakaba n’inyigisho zivyerekeye”.

Abo bakenyezi bavuga kandi ko iryo sekeza ryobera akaryo ko kugarukira agateka kabo mu kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme hanyuma rizobone kugira ico rihinduye kuko kubwabo mu gihugu c’u Burundi hacibonekeza akarenganyo haba muvyo abakenyezi batunze canke kuvyo bafitiye uburenganzira.

Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu Imelde Sabushimike aratangazwa n’ ibitigiri vyabakorerwa amabi afatiye ku gitsina yiyongera ku mwaka kandi ko hariho amategeko ahana abokora ayo mabi.

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yari yitaburiye ivyo birori nawe agahamagarira abajejwe intwaro guhana abakora ayo mabi,abagabo nabo bakareka abakenyezi babo bakaja mu migambi y’iterambere kuko navyo biri mu biteza imbere ingo.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE