AgricultureKirundi

Cankuzo_Ruyigi: Abarimyi baridogera ubukene bw’ ifumbire

Abarimyi bo mu ntara za Cankuzo na Ruyigi baridogera ishirahamwe rihingura ifumbire FOMI ko ritariko rirabaronsa ifumbire mu gihe bicaranye udutike umushikirangaji w’uburimyi arahumuriza abo barimyi ko bagiye kuronswa ifumbire yabo.

Iyo myidogo y’abo banyagihugu ihagaze ahanini ko igikorwa co gutanga ifumbire gisa nikiriko kiracererwa ,ni mu gihe nko mu ma komine ya Butezi,Bweru na Gisuru mu ntara ya Ruyigi ifumbire ari umuzi w’ibuye aha bamwe mu basanzwe bafise amatike barihiyeko iyo fumbire bemeza ko n’ikiringo bari bahawe bazoyironkerako caheranye n’igenekerezo rya 31 gitugutu 2024.

Umushikiranganji ajejwe uburimyi n’ubworozi Prosper Dodiko aremeza ko ico kibazo kihari ariko agasigura ko ahanini uguteba kwitangwa ry’ayo mafaranga kuva kw’ikena ry’amafaranga mva makungu akigoye kuboneka kuko itoni imwe y’ifumbire ishika mu Burundi ku madorari 1000 mu gihe abarundi bakenera itoni 110.000 z’ifumbire ku mwaka.

Aha riko uwo mushikirangaji akaremesha abarimyi ko n’ubwo bigoye abafise udutike barihiyeko bagiye kuronswa ifumbire yabo.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE