Uwahoze ari umumenyereza w’intamba mu rugamba Etienne Ndayiragije abandanya abica bigacika mw’ihiganwa ryo mu cicaro cambere mu gihugu ca Kenya .
Hari kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 19 Nzero 2025 ku kibuga Sports Pesa Arena Murang’a , aho umugwi Murang’a Seal wakira Police Fc usanzwe umenyerezwa n’umumenyereza w’Umurundi Etienne Ndayiragije. Urwo rukino rukaba rwarangiye Police Fc itsinze igitsindo 1-0.
Ico gitsindo ca Police Fc cinjijwe n’Umukinyi Kinanga kumunota wa 62 w’urukino.
Umumenyereza Etienne Ndayiragihe yasanze Police Fc iri mu kibanza ca 17 aho yanganya amanota n’umugwi wanyuma wa 18 ariko gushika muri Kano kanya Police Fc ifata ikibanza ca 2 n’amanota 30, ukaba usumbwa amanota 3 n’umugwi wa mbere ariwo Tusker Fc wowo ufise amanota 33 ariko kandi ukaba umaze kurangiza inkino zose z’igice ca mbere c’ihiganwa mugihe Police yoyo igisigaje urukino rumwe rw’ikirarane.
Etienne Ndayiragije akaba yaciye akwiza inkino 8 zose adatakaza mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Kenya .
-Yatsinze Nairobi City Stars ibitsindo 3-1
-Atsinda Mara Sugar igitsindo 1-0
-Atsinda Bidco United ibitsindo 3-0
– Atsinda Gormahia igitsindo 1-0
– Atsinda Talanta igitsindo 1-0
– Anganya na Kakamenga igitsindo 1-1
– Atsinda Posta Rangers ibitsindo 3-2
– Yaraye atsinze Murang’a Seal igitsindo 1-0
Mwomenya ko Etienne Ndayiragije yari yatandukanye n’umugwi nserukira gihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba k’ubwumvikane n’abarongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi bishingiye k’umusaruro utari mwiza.