Evariste Ndayishimiye, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi yamaze gushika muri Burukina Faso. Agishika ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru Ouagadougou, yakiriwe na mugenzi we Capitaine Ibrahim traoré. Traoré yakirije umushitsi wiwe indamutso y’igipfunsi cugaye, amuha akaganuke k’inkofero, urugendo rw’akazi na gicuti muri ico gihugu ruba ruratanguye.
Uru rugendo rwari rwitezwe mu mpera za Kigarama 2025 rwarasivye ku mvo zitatangajwe icese na Ibrahim Traoré yamenyesheje ko rwari rutegekanijwe.
Muri Mukakaro 2025, Ndayishimiye yaragenwe kuba intumwa idasanzwe y’umuryango w’Ubumwe bwa afrika mu bihugu bigize karere ka Sahel.
Ni akarere gasanzwe kagizwe n’ibihugu vya Burkina Faso, Mali na Niger bisangiye ihuriro AES. Inyuma yuko uburongozi bw’ibi bihugu bwafashe n’abasirikare babanje guhirika ubutegetsi, vyarahagaritswe mu muryango w’Ubumwe bwa Afrika.
Ni co gituma Ndayishimiye yari yitezwe aho muri Burkina Faso kugira ngo aganire n’izo ndongozi ku bijanye n’imigenderanire hagati yavyo n’Ubumwe bwa Afrika. Akigenwa, Prezida Ndayishimiye yaraganiriye kuri terefone n’abakuru b’ivyo bihugu bitatu.
Yamara, muri Kigarama 2025, Traoré yashikirije abamenyeshamakuru ko yari akirindiriye ko Ndayishimiye amugendera kugira bayage kuri ico kibazo. Uwo mukuru w’igihugu yavuga ko we akeneye kumenya impamvu igihugu ciwe coba kitemerewe kuba mu muryango w’ibindi bihugu vya Afrika.
























