BurundihomepageKirundiSociété

Gatumba: batakambira umukuru w’igihugu abakure mu kangaratete bamazemwo imyaka irenga itatu

Mu banyagihugu batewe n’imyuzurira yateye mu Gatumba mu myaka ya 2020, bamwe muri bo bimukiye kuri zone Gatumba. Muri bo hari abimuriwe mu bindi bibanza bidakazemwo imyuzurira, abandi bahawe ubutike ubu haheze imyaka 3 babufise ariko ntibarimurwa.

“Baduhaye udupapuro gusa baca batubwira y’uko bazogaruka kudutora badutware, imyaka 3 yararenze. Ico gihe baza bus zaruzuye baca batubwira ko bazogaruka bakatujana i Mubimbi twararindiriye turabura“. Niko umwe muribo yatuyagiye.

Kubera iryo teba ryo kwimurwa aho kuri iyo zone, ubu batanguye kugira ingorane zo kwibwa n’abasuma bataramenyekana baza mwi’joro: “ubusuma bubera ngaha turyama umutima uri hanze. Ejo bundi umugore wanje yasize isakoshi munzu tuvyutse twasanze bayitwaye, none ko tutugara ni abava hanze ngaha ntitwibana“.

Abo banyagihugu batabaza reta y’uburundi ko yobandanya umugambi yatanguye wo kubimura: “aho bavuga ko botujana ngo haruzuye. None nta bundi buryo buhari bwo kutuvana ng’aha? je ico nosaba reta y’uburundi, barabe imisi tumaze ng’aha batugirire ikigongwe badukure ng’aha. Tuganyira se barundi“.

Mu burongozi bwa zone bavuga ko ico kibazo bakimenyesheje mu murwi w’igihugu ujejwe gukinga ibiza n’isibe. Duhamagaye uwujejwe ico gisata, twasanze ngendanwa yiwe izimije. Ariko mu mwaka w’2021 umukuru w’igihugu aho yagendera abatewe n’imyuzurira aho mu gatumba yari yabemereye ko reta y’uburundi igiye kubaronderera ibibanza bindi boshirwamwo bitagiramwo amazi hamwe n’ibikoresho vy’ibanze.

Ubu abarenga ibimbi 10 bavuye muma quartier atandukanye ya zone Gatumba barimuwe bajanwa muri site Gateri hakaba hasigaye imiryango igera kuri 36 nk’uko bivurwa n’ubuyobozi bw’iyo zone.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 122