A la UneDivertissement

Gitega: Igiciro c’isukari giheruka gushingwa nticubahirijwe

Kuva igiciro c’isukari kigabanijwe ,ntikiriko kirubahirizwa k’umugwa mukuru wa politike Gitega.Ikiro kimwe c’isukari y’ihinguriro Sosumo gushika kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 21 gitugutu kiracagurishwa amahera cariko ubwa mbere.

Itangazo ry’ubushikirganji mu vyo bujejwe harimwo ubudandaji ryo kuwa 17 Gitugutu 2024 ryerekana ko igiciro c’isukari gisubiwemwo aho cari ku mafaranga ibihumbi umunani (8000) kikaja ku mafaranga ibihumbi bitandatu (6000) mu mafaranga y’amarundi.

Bamwe mu badandaza bavugako bariko baracuruza isukari bari basanganywe ku mafaranga 8000 y’amarundi kuko batari buyihombeshe kandi bayiranguye ikizimvye .

Umwe mu banyagihugu bahovi Gitega akamenyesha ko bidatahuritse igituma abo badandaza babandanya gucuruza ikiro ku mafaranga 8000 mu gihe iyo iduze igiciro iyo basaganwe baheza bakayicuruza ku biciro bishasha biri hejuru;avuga kandi ko hari n’abahevye kuyihereza kuko ngo naho bashima ko igiciro cagabanutse baravye amikoro yabo kugura isukari ku mafaranga ibihumbi  6000 bikigoye kuko igiciro kikiri hejuru.

Abo banyagihugu basaba ababijejwe gukurikiranira hagufi iyubahirizwa ry’ico giciro gishasha kuko isukari ikizimvye kandi yari isanzwe ihingurirwa mu Burundi.

Inkuru yanditswe na Sonia Vyamungu

What's your reaction?

Related Posts