K’umweha Nyamugari w’ikiyaga Tanganyika muri komine Mugere intara ya Bujumbura haribonekeza abana bahevye amashure bagiye mu mwuga wo kuroba. Bamwe bati vyoba bituruka ku mikoro make abandi bati harimwo n’ubugaba bw’abanyeshure.
Franck w’imyaka 18 yicaye musi y’igiti, afise “téléphone android” mu minwe ariko ayaga n’incuti yiwe kuri “facebook”. Haraheze imyaka itatu ahevye ishure aho yiga kw’ishure nshingiro rya Rubura. Inyuma yo guheba ishure atabitewe n’ubugaba, yahisemwo gukora uwo mwuga w’uburovyi.
Muri ico gice cegereye ikiyaga Tanganyika, uretse abana bakora umwuga w’uburovyi babanje guheba amashure, hari n’abawukora mu gihe c’uburuhuko bwo muci kugira bitegurire umwaka w’ishure ukurikira. Arcade Nsengiyumva, agiye mu mwaka w’ishure nshingiro rya Rubura. Hano nawe araruhutse musi y’ihema co kimwe n’abandi barovyi bakorera kuri uyo mweha, biteguriye kuja mu mazi mu masaha y’ijoro. We yemezako hataragera ko aheba ishure kuko ku bwiwe agifise imyaka y’ishure.
Uguheba amashure kw’abana kubera amikoro make mu miryamgo biremezwa na bamwe mu bavyeyi bakorera kuri uwo mweha, bagasigura ko akenshi bituruka ku bana usanga mu miryango baturukamwo ifise amikoro make maze bakaja kwironderera ibituma badaheza ngo basubire kw’ishure ariko kandi biraturuka no k’ubugaba bw’abana.
Mu gihe amashure yimirije gutangura, kubera amikoro make kandi bamwe mu bavyeyi bafise amakenga ko hashobora kugira bamwe mu bana babo badasubira kw’ishure mu mwaka w’ishure wimirije na rirya ibikoresho vy’ishure bibandanya kuzimba.
Ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika mu ntara ya Bujumbura, hari imwe mu miryango yateshejwe izabo kubera iduga ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika mu myaka ya vuba, ibishobora gutuma imwe mu miryango ibaho mu mikoro make bigatuma hari abana baheba amashure.
Ivyo biri uko mu gihe mu mwaka w’ishure wa 2020 ushira uwa 2021 urugero rw’abaheba amashure mu ntara ya Bujumbura rwari ruto hagereranijwe n’izindi ntara aho rwangana n’ibice 3, n’uduce 72 kw’ijana.