KirundiSport

Ibihumbi 10 birenga mu madorare y’abanyamerika nivyo umukinyi Sada Nahimana atahukanye mu kiringo c’indwi zibiri .

Mw’ihiganwa ryari rimaze imisi ririko rirabera mu gisagara ca Bujumbura muri Tennis,umurundikazi Sada Nahimana niwe yatahukanye ibihumbi cumi birenga vy’amadorare y’abanyamerika mu kiringo c’indwi zibiri muri Tennis mw’ihiganwa ryo k’urwego rw’isi WT50.

Ivyo bibaye mu gihe yaheruka gutsindira ibihumbi itanu birenga vy’amadorari y’abanyamerika,kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 06 Ndamukiza 2025 igihe c’isaha zine z’agatondo mu rukino rutoroshe aho benshi bari bibazako biza kugora gutsinda Sarah Rakotomanga, umwigeme vyitwa ko ari imbere yiwe ku rutonde rw’abitavye iryo ihiganwa ariko uyo mwigeme w’umurundikazi yamweretse ko urugero agezeko ruri hejuru aho yatsinze amaseti 2 ku 0 (6-3,6-2).

Izo nkino zariko zibera mu Burundi ,Sada Nahimana  yerekanye ko ari umwe mu bigeme Uburundi bufise mu rukino rwa Tennis.

Muri iryo higanwa Sada Nahimana ryariko rirabera mu gisagara ca Bujumbura akaba atahukanye ibikombe 2 ,Sada akaba yungutse amanota 100 ku rutonde rwa Tennis kw’isi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE