Ishirahamwe LINOX rifadikanije n’ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imicokama hamwe n’ubushikiranganji bw’ubudandaji amahinguriro n’ingenzi barateguye isabukuru yiswe source of culture, (isoko ry’imico n’akaranga), rizoba kuva kuwa 30 mukakaro gushika kuwa mbere myandagaro umwaka wa 2026. Rizobera imbere y’ikibuga citiriwe Intwari mu gisagara c’ubutunzi Bujumbura kw’ibarabara ryitiriwe ukwikukira kw’Uburundi.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uyu wa kane igenekerezo rya 2 Mukakaro 2026, Idris MANIRAGABA ajejwe intunganyo y’iryo sabukuru yavuze ko mukwitegurira iryo sabukuru, abagize umugwi uriko uraritegura n’abamenyeshamakuru bagiye guca mu ntara zitanu zigize Uburundi baraba abanyempano hamwe n’imico n’akaranga intara imwimwe yose yisangije kugira bizokwerekanwe muri iryo sabukuru nyezina.
Bruno Roger yatanguye kwiyumvira ivy’iryo sabukuru asigura ko yabanje kuraba asanga hari imico n’imigenzo y’Uburundi itariko irahabwa agaciro cane cane mu rwaruka. Ni naco gituma hateguwe kwerekanwa muri iryo sabukuru imvyino, indirimbo z’ikirundi, intambo n’ingoma, imfungurwa n’ibinyobwa vya kera, ibikorwa vy’ubukorikori n’ubuhinga vya kera nk’uko abimenyesha.
Ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imicokama buremera ko hari imico n’imigenzo y’Uburundi itariko iritabwaho n’urwaruka Kandi ishobora kuzimangana atagikozwe. Umuyobozi mukuru ajejwe imico kama y’Uburundi Aline MUNYANEZA yerekana ko muri kino gihe urwaruka ruriko rwitaho cane ubuhinga bwa none, ibigezwe ho, ugasanga imico n’imigenzo y’abarundi baho hambere yibagiwe. Ikindi ashikiriza ni uko akahise k’Uburundi kagiye karahanahanwa kumunwa ( de bouche à oreille) ,ugasanga ubu abazi ako kahise ni abageze muza bukuru kubwiwe bashobora kwitaba Imana umwanya n’umwanya bigatuma ako kahise kazimangana.
Aline MUNYANEZA asaba rero urwaruka gufata iyambere mu kwitaho imicokama myiza y’abarundi no mukuyibungabunga ngo ntizimangane babicishije mu masanamu n’inyandiko nk’uko ashikiriza ko ico arico cipfuzo c’ubushikiranganji.
Ikindi cipfuzo ashikiriza ni uko umuco wose wogira ishirahamwe ryo kurwego rw’igihugu(fédération )n’uwuriserukira kugira kimwe kimwe mubigize imico kama kigire uwukibazwa, agasigura ko ivyo bizotuma haboneka n’abafata mu mugongo uyo muco.
Abwo bushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imicokama n’ubushikiranganji bw’ubudandaji ,amahinguriro n’ingenzi bufashe mu mugongo iyo sabukuru bukabona ko gushigikira n’ugukomeza imicokama y’Uburundi bizotuma Uburundi bushika ku mbona kazoza bwihaye.

























