BurundihomepageTechnology

Impamvu urwaruka rutari ruke ruhurumbira imbuga ngurukanabumenyi

Muri iki gihe, urwaruka rwinshi rumara umwanya munini ku mbuga ngurukanabumenyi nka TikTok, Facebook n’izindi kuruta uwo rukoresha mu kurondera akazi canke gukora ibikorwa bibateza imbere. Ivyo bigatuma abantu benshi bibaza nimba izo mbuga ziriko zirafasha urwaruka canke zirutesha amahirwe y’iterambere.

Bamwe bavuga ko ikibazo c’ubushomeri kiri mu bituma urwaruka rutakaza icizere co kuronka akazi. Hari abasore n’inkumi bahejeje amashure bamaze imyaka myinshi barondera akazi atako baronka. Ivyo bituma bamwe bahisemwo kwibanda ku mbuga ngurukanabumenyi nk’ahantu ho kwinezereza no kwiyibagiza ibibazo vy’ubuzima.

Abandi na bo bavuga ko TikTok na Facebook vyahindutse uburyo bwo kwinjiza amafaranga. Hari urwaruka ruriko ruraronka amafaranga biciye mu gukora ama video, kwamamaza ibikorwa vy’ubudandaji canke kuba influencers. Ivyo bituma benshi babona ko igihe bamara kuri izo mbuga atari uguta umwanya gusa, ahubwo ko bishobora no kubabera akazi.
Ariko rero, hari abahinga bagabisha ko gukoresha cane imbuga ngurukanabumenyi bishobora gutuma urwaruka rutakaza intumbero n’ishaka ryo gukora. Bamwe usanga bamara amasaha menshi baraba videos zidafise ico zibungura, bigatuma batakaza umwanya bari gukoresha mu kwiga, gukora canke kwiteza imbere.

N’aho biri uko, hari urwaruka rwahinduye izo mbuga uburyo bwo kwiga no kwiteza imbere. Hari abahigira imyuga mishasha, ubudandaji bwo kuri internet ndetse n’indimi z’amahanga biciye kuri TikTok, Facebook na YouTube.

Ikibazo rero si uko urwaruka rukoresha TikTok na Facebook, ahubwo ni uburyo n’intumbero ruzikoresha. Iyo zikoreshejwe neza, zishobora kuba isoko y’amahirwe n’iterambere. Ariko iyo zikoreshejwe nabi, zishobora gutuma umuntu asigara inyuma mu buzima.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE