Imigwi ya Flambeau du centre na Aigle noir izoserukira i gihugu mu mahiganwa ya CAF Confederation na CAF champions League yemerewe kuzokinira ku kibuga intwari.
Nk’uko biri mu rwandiko rwarungitswe na CAF muri FFB ruvuga ko iyo migwi yemerewe kuzokinira kuri Stade intwari vy’imfatakibanza muri ayo mahiganwa.
Abakoze isuzumwa riheruka gukorwa kumwe n’inzobere za CAF ku kibuga intwari, bamenyesheje ko iyo nyubakwa yemerewe vy’imfatakibanza kwakira amahiganwa y’ibibuga vyo ku rwego rwa Catégorie 3 nk’uko amategeko ya CAF na FIFA abitegekanya.
CAF irashimira cane reta y’u Burundi hamwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ku bikorwa n’ishaka bagaragaje mu gusubira gutunganya no gushira umusezero mwiza kuri ico kibuga.
Ariko rero, kugira ico kibuga cemererwe burundu hari ibintu bihambaye bigikeneye gukorwa na canecane ibijanye n’umutekano n’ivyihutirwa vy’ubwubatsi. Ivyo bikorwa bisabwa birakenewe ko birangira mu ndwi zitatu imbere y’uko amahiganwa mpuzamakungu atangura.
Mu kurindira ko ivyo bikorwa birangira neza, CAF isaba ko abajejwe gukurikirana itunganywa ry’ico kibuga bobandanya batanga icegeranyo (rappor) y’ivyakozwe buri ndwi ku bijanye n’iterambere ry’ivyo bikorwa bisigaye.
CAF izobandanya kuguma no gukorana hafi na FFB mu gukurikirana ico gikorwa kugira umupira w’amaguru mu Burundi ubandanye utera imbere.