A la UneEntertainment

Mutimbuzi: Baratewe ubwoba n’ibikoko vyiyerereza mu mihana

Bamwe mu banyagihugu bo mu zone Gatumba muri komine Mutimbuzi intara ya Bubumbura baratewe impungenge na bimwe mu bikoko vyiyerereza mu mihana yabo kuva hatanguye kwibonekeza imyuzirira ivuye kw’iduga ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika hamwe n’uruzi Rusizi .Abo banyagihugu basaba gukingirwa.

Ivyo bikoko bihagaritse umutima abo banyagihugu bo muri komine Mutimbuzi bigizwe n’Imvubu,Ingona n’ibindi . Bamwe mu banyagihugu baba muri Karitiye ya Kigaramango muri zone Rukaramu bemeza ko Imvubu n’Ingona zimaze imisi zibonekeza ahegereye imihana.

Ivyo bikoko bikaba vyibonekeza kuva aho hatereye amazi muri ako gace,abanyagihugu baho ngo bikaba bibagora kurengana kuko imvubu ziba ziriko ziratembera mw’ibarabara canecane mu masaha y’umugoroba mbere bakagira amakenga ko zishobora kubahekura muri iki gihe abana batanguye amashure.

Abidoga si abo banyagihugu gusa kuko n’abasanzwe bafise imirima mu gice ca Ruhugo bashikiriza ko ziva mu ruzi Rusizi zikaja kwona imirima yabo .

Abo banyagihugu barasaba gukingirwa kugira ,umutekano wabo n’imirimo yabo yoroherwe.

Inkuru yanditswe na Irène Iradukunda

What's your reaction?

Related Posts