Abantu barenga 50, benshi muri bo bagizwe n’abana, barapfuye inyuma y’aho ubwato bari barimwo bwibiye mu mazi hafi y’ahitwa Gorau, mu karere ka Goronyo, muri Leta ya Sokoto, mu buraruko bushira uburengero bwa Nigeria. Iyi mpanuka yabaye kuri uwu wa kane igenekerezo rya 20 Myandagaro 2026, aho ubwo bwato bwari butwaye abantu barenga 70, harimwo abafise imirima y’umuceri hamwe n’abakozi bari bagiye gufasha mu gikorwa co kwimbura umuceri.
Abajejwe gutabara bavuga ko abantu benshi bari muri ubwo bwato bari abana, benshi muri bo bari hagati y’imyaka 10 na 15. Abatari bake baracari kuronderwa mu mazi.
Amakuru ava aho impanuka yabereye avuga ko imibiri y’abantu benshi yamaze gukurwa mu mazi. Umutangabuhamya yabwiye Reuters ko yabonye imibiri igera kuri 50, myinshi muri yo yari pfutswe imikeka”ibirago” n’impuzu za kera imbere y’uko abapfuye bashyingurwa.
Umushingamateka wo muri Leta ya Sokoto, Nasiru Adamu, yavuze ko abantu 16 ari bo barokowe. Ariko kandi, umutangabuhamya Sharhabilu Kiliya yavuze ko ibitigiri vy’abapfuye vyari bimaze gushika kuri 53, kuko iyndi mibiri yari kiguma iboneka.
Abajejwe ubutabazi n’umutekano bariko barakora ibikorwa vyo kurondera abantu baki buze. Ariko aho iyo mpanuka yabereye haragoye gushikako, kuko ari ahantu hitaruye.
Impanuka z’ubwato zirakunze kuba muri Nigeria, cane cane mu gihe c’imvura. Zimwe mu mpamvu zikunze gutuma izo mpanuka ziba ni ukwuzura abantu mu bwato kurenza ubushobozi bwabwo, kutabungabungwa neza kw’ubwato hamwe no kutubahiriza amategeko y’umutekano wo mu mazi.
Iyi mpanuka ibaye mu gihe muri Nzero uyu mwaka, abantu 25 na bo bapfuye inyuma y’aho ubwato bwibiye muri Leta ya Yobe, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria.

























