Perezida wa Koreya y’epfo, Lee Jae Myung, yasavye ko hakorwa amatohoza yimbitse kugira hamenyekane icatumye umugwi w’igihugu w’umupira w’amaguru usezererwa hakiri kare mu gikombe c’isi c’umwaka wa 2026.
Ni inyuma y’aho Koreya y’epfo inaniriwe kurenga urugero rw’amatsinda, inyuma yo gutsindwa n’umugwi wa Afrika y’epfo. Abakunzi b’umupira w’amaguru n’abahoze ari abakinyi b’uwo mugwi baraseruye akababaro n’ukutanyurwa n’ukuntu umugwi witwaye muri ayo mahiganwa.
Perezida Lee yavuze ko ari ngombwa gusuzuma neza uburyo abajejwe kurongora umugwi batorwa n’ingene ibikorwa vy’umupira bitunganijwe, kugira hamenyekane ivyatumye igihugu kidashikira intumbero cari cihaye. Yasavye ubushikiranganji bujejwe inkino gukora amatohoza yimbitse no gushikiriza ingingo zotuma amakosa nk’ayo adazosubira kuba.
Mu nyuma y’ivyo gutsindwa, umumenyereza w’umugwi w’igihugu, Hong Myung-bo, yahisemwo gutanga imihoho mu mabanga yiwe, yemera ko afise uruhara mu kudashobora gushikana umugwi ku ntsinzi wari witeze. Yasavye imbabazi abakunzi b’umupira n’abanyagihugu bose kubera ico uwo mwimbu mubi wavuye muri ayo mahiganwa.
Iryo sezererwa ryatumye haba impari ndende muri Koreya y’epfo ku bijanye n’itunganywa ry’umupira w’amaguru, aho benshi basaba ko hokorwa itunganywa gushasha kugira umugwi w’igihugu wongere gusubira guhiganwa ku rugero rwo hejuru.

























