Reta ya Sudani y’epfo yatangaje ko yatanguye gushira mu ngiro itegeko ry’umutekano wo kuri internet, igikorwa ivuga ko kigamije gukomeza kugenzura no kurinda ibicishwa ku mbuga ngurukanabumenyi muri ico gihugu. Ariko Abaharanira agateka ka zina muntu barabinegura.
Iryo tegeko rirabuza gukwiragiza amakuru y’ibinyoma canke ashobora gucafuza izina ry’umuntu canke ry’ikigo, kugabanya icizere c’abanyagihugu mu nzego za reta, canke gutera ubwoba mu bantu.
Muri iryo tegeko kandi harimwo ibihano bikomeye, nko gupfungwa gushika ku myaka itanu ku muntu azokwagirwa n’icaha co gutoteza abandi canke kuguma akoresha internet mu guhenda no kwambura abantu.
Ariko rero, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yagaragaje impungenge, avuga ko amajambo yakoreshejwe muri iryo tegeko atatomoye neza, kandi ko ibihano bikomeye bishobora gukoreshwa mu guhana ivyiyumviro vyemewe bitangazwa kuri internet.
Ayo mashirahamwe aratinya kandi ko iryo tegeko rishobora gukoreshwa mu gutera ubwoba abanyamakuru, guhagarika ijwi ry’abatavuga rumwe n’ubutegetsi no kugabanya uburenganzira bwo gutanga ivyiyumviro ku mbuga ngurukanabumenyi.
























