EntertainmentKirundisocialSociété

Igituma ubworozi bw’inkoko buriko buragabanuka

 

Evariste Niyonzima ni umwe mubororeye inkoko mu gisagara ca Bujumbura. Avuga ko iduga ry’ibiciro vya bimwe mubifungurwa vyazo biri mubituma hari abananirwa kubandanya bakora ubwo bworozi nk’uko uwo mworozi w’inkoko zirenga 100 abivuga.

 

Mu kiganiro yahaye Radio Indundi Culture kuri uyu wa kane igenekerezo rya 16 Nzero 2025, avugako bimwe muvyo turya nk’ibigori n’isoya biri muvyiganje mu mfunguro y’inkoko. Ivyo vyaciye bituma ikiro c’ibiryo vy’inkoko bija ku giciro kinini cane, bituma kandi ibiciro vy’inkoko kubazorora canke kubazibaga kumwe n’ibizikomokako nk’amagi navyo nyene bizimba.

Bamwe mu bandandaza bavugako igituma inkoko ziriko zirazimba hamwe n’ibizikomokako nk’amagi n’inyama ko aruko abantu benshi bahevye kuzorora kubwo gutinya ibiciro vy’ibifungugwa vyazo vyazimvye cane.

Abandanya amenyesha ko ugiye kw’isoko imbere yo mu kwezi kwa gatanu mu mwaka wa 2024 wasanga inkoko ari nyishi cane nayo muri kino gihe haboneka imwe canke zibiri. Eka n’ingwara zaziteye zaravyunyuye.

Mu kiringo kidashika umwaka umwe gusa, ibiciro vyazo hamwe n’amagi vyabandanyije kuduga aho nk’irigi ritetse ryavuye ku mafaranga 1200 rija ku mafaranga 1500.

Evariste Niyonzima asaba ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo ubworozi hamwe n’abakurikirana igisata c’ubworozi mu gihugu gukora ibishoboka vyose kugira aborozi b’inkoko boroherwe.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE