A la UneSport

Umurwi nserukira gihugu watanguye imyimenyerezo muri Côte d’Ivoire

Umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba, inyuma yo gufata urugendo werekeza mu gihugu ca Côte d’Ivoire gutegura urukino rwokwakira umurwi nserukira gihugu wa Malawi kw’igenekerezo rya 14 Munyonyo uno mwaka.Intamba zikaba zikora imyimenyerezo ukuri kwamye.

Imyimenyerezo y’intamba mu rugamba ya mbere yakozwe ku musi wa mbere igenekerezo rya 11 Munyonyo 2024 na bamwe mu bakinyi barongowe n’umumenyereza mukuru Patrick Sangwa arikumwe na Staff yose.

Mu bakinyi bakoze imyimenyerezo ya mbere harimwo abari bavuye mu gihugu c’Uburundi hamwe no mu gihugu c’Urwanda nka Onesime Rukundo hamwe n’abandi.

Kubijanye n’abakinyi batari bwashike,umuvugizi w’umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba Patrick Harakandi mu kiganiro Indundi sports yamenyeshejeko bari mu nzira kugira bahamvye bagenzi babo.Uyo muvugizi amenyesha ko abakinyi hamwe na Staff y’umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba bamerewe neza mu gihugu ca Côte d’Ivoire

Urukino Uburundi buzokwakirira Igihugu ca Malawi buzorukina igenekerezo rya 14 Munyonyo 2024,mu gihe igenekerezo rya 19 Munyonyo uno mwaka, Uburundi buzokwakirirwa na Sénégal mu nkino zo kurondera uburenganzira bwo kwitabira inkino z’igikombe ca Afrika CAN 2025 kizobera muri Maroc.Uburundi bukaba buri mu kibanza ca gatatu n’amanota 3 mu muce ugizwe na Burkina Faso uza mu kibanza ca mbere hagakurikira Sénégal mu kibanza ca kabiri mu gihe mu kibanza ca kane hari igihugu ca Malawi n’inota rimwe.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE