#Sport#EntertainmenthomepageKirundi

Umukuru wa La Liga asaba Gianni Infantino kuva ku butegetsi bwa FIFA

Umukuru wa la liga, ihiganwa ry’umupira w’amaguru muri Espagne, asaba umukuru wa FIFA Gianni Infantino gutanga imihoho. Avuga ko urwego rujejwe umupira w’amaguru kw’isi ruriko rurica umupira.

Umukuru w’ihiganwa rikuru ry’umupira w’amaguru muri Espagne, Javier Tebas, yasavye ko umukuru wa FIFA, Gianni Infantino, ava ku butegetsi bw’iryo shirahamwe mpuzamakungu, amwagiriza ko ubuyobozi bwiwe buriko buronona iterambere ry’umupira w’amaguru kw’isi.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru La Gazzetta dello Sport co mu Butaliyano, Tebas yavuze ko ku bwiwe igihe ca Infantino ku butegetsi bwa FIFA carangiye, ariko akavuga ko bigoye ko yosubirizwa kubera ashigikiwe cane n’amashirahamwe menshi y’umupira w’amaguru yo hirya no hino kw’isi.

Yagize ati: “Nta n’umwe yipfuza guhiganwa na we kuko bose babona ko ata mahirwe yo kumutsinda bafise. Uko uburyo bwo gutora umukuru wa FIFA buteye, biragoye ko haba ihinduka.”

Tebas yavuze ko mu rugendo yagiriye muri Leta zunze ubumwe za Amerika yumvise abantu benshi banegura ubuyobozi bwa Infantino, ariko akavuga ko benshi bahitamwo kwinumira aho kugira ico bakora.

Yongeye ko ikibazo c’umukinyi Balogun, yakuweko igihano cari gutuma adakina urukino rw’igice c’umunani c’igikombe c’isi inyuma y’aho Perezida wa Amerika Donald Trump avyinjiyemwo, cerekanye ko hari ingingo zimwe zimwe zifatwa zidaciye mu butungane.

Nk’uko Tebas abivuga, iyo Amerika idatsindwa n’Ububiligi muri urwo rukino, ico cemezo cari gushobora gukwega impari zikomeye zishira Infantino mu kaga.

Iyo ngingo yarateye kandi ugutera ivyatsi kw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru i Buraya, UEFA, ryayise ingingo idashobora kwemerwa kandi idafise insiguro yumvikana.

Bivugwa ko ari kimwe mu vyatumye umukuru wa UEFA, Aleksander Ceferin, atitaba urukino rwa nyuma rw’igikombe c’isi.

Tebas yaneguye kandi ibindi vyemezo vya FIFA, birimwo akaruhuko ko kunywa amazi mu nkino, umwanya muremure w’akaruhuko hagati y’igice ca mbere n’ica kabiri c’urukino rwa nyuma, hamwe n’umugambi wo kwongereza ibihugu vyokwitabira igikombe c’isi bikava kuri 48 bgashika kuri 64.

Ivyo vyiyumviro vya Tebas bishikirijwe mu gihe vyitezwe ko Gianni Infantino yosubira gutorerwa ikiringo kigira kane ku butegetsi bwa FIFA mu nama nkuru izoba mu mwaka uza.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE