Intara ya British Columbia, mu burengero bwa Canada, irageramiwe n’umuriro ukomeye w’amashamba umaze gutuma abantu ibihumbi n’ibihumbi bahunga ingo zabo.
Amakuru mashasha avuga ko hari imiriro y’amashamba irenga 100 iriko iraka muri iyo ntara, hafi igice cayo kikaba kiri mu muriro utaragenzurwa neza. Mu ndwi imwe gusa, haradutse imiriro mishasha igera kuri 78.
Umuriro wa Bald Range uriko uratera ubwoba
Umwe mu miriro iteje akaga cane ni Bald Range Wildfire, uri mu karere ka Okanagan, hafi ya Summerland na Peachland. Uyu muriro wakwiragiye ningoga utuma ubutegetsi butegeka abantu benshi kuva mu ngo zabo. Amakuru aheruka avuga ko abantu barenga 20.000 bahunze canke bategetswe kuva mu turere twugarijwe n’umuriro.
Umuriro kandi uramaze kwonona no guturira amazu, mu gihe bamwe mu bantu bahunze ubu bariko baramenyeshwa ko amazu yabo ashobora kuba yarahiye.
British Columbia yatangaje ibihe bidasanzwe
Kubera uburemere bw’ivyago, ubuyobozi bwa British Columbia bwatangaje état d’urgence, kugira ngo bwongere ubushobozi bwo gutabara no gufasha abanyagihugu bahunze.
Reta nkuru ya Canada nayo yemeye gutanga imfashanyo, cane cane mu bijanye n’aho abimuwe bashobora kuba, uburaro n’ibindi bikoresho vy’ingenzi.
Abategetsi n’abahinga bavuga ko ubushuhe bwinshi, ubutaka bwumye cane hamwe n’umuyaga biri mu bituma umuriro ukwiragira ningoga.
Umwotsi mwinshi uriko uragora kandi ibikorwa vy’abazimyamuriro. Indege na kajugujugu ziriko zirakoreshwa mu kurwanya umuriro, ariko umwotsi n’imimerere mibi y’ikirere biratuma ibikorwa vyo mu kirere bigorana.
Abanyagihugu bariko barahunga, abandi batakaza amazu
Mu gihe abategetsi baguma bategeka abantu kuva mu turere turi mu kaga, imiryango myinshi iriko iragerageza kumenya ivyabaye ku mazu yabo.
Ikibabaje kuruta ni uko hari umuntu w’imyaka 80 yitavye Imana mu gihe yariko arahunga umuriro.
Abazimyamuriro bo muri Canada, bafashijwe n’abakozi baturuka no mu bindi bihugu nka Australia, New Zealand na Mexico, barabandanya kurwanya uyo miriro.

























