Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2025, urubuga rwa Sofascore rwarashize ahabona urutonde rw’abakinyi 11 bamuka ku mugabane wa Africa bariko bigenza neza kuva umwaka w’inkino wa 2024 -2025 utangura muri ya mahiganwa 5 akomeye yo kumugabane wa Buraya.
Muri urwo rutonde rw’abakinyi 11 harimwo izina ry’umukinyi w’Intamba mu rugamba Youssouf Ndayishimiye akinira umugwi OGC Nice usanzwe ukina mu cicaro ca mbere mu Bufaransa.
Abo bakinyi akaba ari aba bakurikira :
1) Fofana
2) Hakimi
3) Youssouf Ndayishimiye
4) Aguerd
5) Bensebaini
Abakina hagati ni :
6) Lamine Camara
7) Iwobi
8) Lookman
Abasatirizi ni:
9) Mohammed Salha
10) Amoura
11) Marmouch
Mwomenya ko uwo mukinyi w’umurundi Youssouf Ndayishimiye, hamaze imisi hariko haravurwa ko ariko aronderwa n’imigwi ya Galatasaray hamwe na As Roma.